East African CommunityhomepageKirundisécurité

Uganda yatanguje umugambi wo gukura abanyagihugu bayo muri Afrika y’epfo

Leta ya Uganda yatangaje ko yatanguje umugambi wo gukura amajana y’abanyagihugu bayo baba muri Afrika y’epfo, inyuma y’aho ubwicanyi n’urwanko vyugarije abanyamahanga vyongerekaniye, bugahitana n’umunya Uganda umwe, mu gihe abandi benshi bavuga ko ubuzima bwabo buri mu kaga.

Mw’itangazo ryasohowe ku wa 28 Ruheshi 2026, Umushikiranganji w’imigenderanire ya Uganda n’amakungu Haruna Kyeyune Kasolo, yavuze ko Umukuru w’Igihugu Yoweri Museveni yategetse ko hategurwa ningoga uburyo bwo gutahukana amahoro abanyagihugu ba Uganda bashaka kuva muri Afrika y’epfo.

Leta ya Uganda yavuze ko izokwishura amafaranga yose akenewe kugira abo banyagihugu batahuke biciye muri sosiyete y’indege, Air Uganda.

Nk’uko ubwo bushikiranganji bubimenyesha, abantu bashika kuri 746 bamaze kwiyandikisha basaba gutahuka kubera impungenge z’umutekano, kandi haritezwe ko n’abandi bazokwiyandikisha.

Ubwo bushikiranganji kandi bwavuze ko benshi muri bo bamaze kuva muri Afrika y’epfo imbere y’itariki ntarengwa ya 30 Ruheshi 2026, yari yashinzwe n’imigwi irwanya abanyamahanga muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE