Reta y’Ubuhindi yasavye urubuga rwa WhatsApp guhagarika gushira mu ngiro uburyo bwayo bushasha bwemerera abakoresha kwiyandikisha bakoresheje izina ryihariye (username) aho gukoresha inomero za telefone, mu gihe hagisuzumwa ingaruka ubwo buryo bushobora kugira ku mutekano w’abakoresha bo muri ico gihugu.
Ubwo buryo bushasha bwatangajwe na WhatsApp mu mpera za Ruheshi 2026, bugamije gutuma abantu bashobora kuvugana batabanje gusangira inomero za telefone zabo. Uwukoresha azoshobora kwihitiramwo izina ridasubirwamwo rizomuranga ku rubuga.
Ariko rero, ubushikiranganji bw’itumatumanaho bwasavye ishirahamwe Meta, rifise WhatsApp, gutanga insiguro ziramvuye ku kuntu ubwo buryo buzokingira abakoresha. Bwanasavye ko iryo tanguzwa rihagarikwa mu Buhindi gushika ibiganiro hagati ya reta na Meta birangiye.
Abategetsi b’Ubuhindi bavuga ko gukoresha amazina aho gukoresha inomero za telefone bishobora gutuma habaho ubusuma bwo kuri internet, ukwiyitirira abandi, ubutumwa bw’ubuhendanyi n’ubundi buriganya bwo kwiba amakuru y’abakoresha.
Ku ruhande rwa WhatsApp, ishirahamwe Meta rivuga ko ryashizeho ingingo zitandukanye zo gukingira abakoresha. Ryasiguye ko gukoresha username atari itegeko, ahubwo ari amahitamwo y’uwukoresha. Ryavuze kandi ko ayo mazina atazoshobora kuronderwa n’uwo wese ku buryo bworoshe, kandi ko hazobaho ubundi buryo bwo kugenzura uwurungitse ubutumwa kugira ngo hagabanuke ukwiyitirira abandi.
WhatsApp ivuga ko n’aho abakoresha bazoshobora kuvugana bakoresheje amazina, konti izoguma ishingiye ku inomero ya telefone igihe umuntu yuguruye konti nshasha. Iyo rero ni inomero izoguma ikoreshwa mu kwemeza ko uwukoresha ari we nyene konti.
Ubuhinde ni co gihugu gifise abakoresha benshi ba WhatsApp ku isi, barenga imiliyoni 500. Ni co gituma reta y’ico gihugu ivuga ko ishaka kubanza kwemeza ko ubwo buryo bushasha butazotuma ubuhendanyi bwo kuri internet bwiyongera canke ngo bushire mu kaga umutekano w’abakoresha.

























