AfriquehomepageKirundisécurité

Hongerejwe umutekano mu gihugu ca Tanzaniya

Mu gihugu ca Tanzania, umutekano wongerejwe cane mu bisagara bitandukanye, cane cane mu murwa mukuru w’ubutunzi Dar es Salaam, imbere y’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2026 bita Saba Saba mu rurimi rw’igiswahili mu gihe hariho imyiteguro y’imyiyerekano muri ico gihugu.

Ico gikorwa kizwi cane mu mateka ya Tanzania, aho gihuza kwibuka urugamba rw’ukugwanira intwaro rusangi, ivyiyumviro bishasha vy’urwaruka hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko poritike muri ico gihugu yohindurwa.

Leta ya Tanzania yashizeho ingingo zikomeye z’umutekano, aho abapolisi, abasirikare n’abo bo mu nzego zijejwe umutekano bazindukiye mu mihana, ku mihora minini no mu bibanza bihurirako abantu benshi.

Ivyo vyakurikiye itangazo rya Leta ryabujije amakoraniro yose ya poritike n’iyo myiyerekano mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu imbere y’iryo genekerezo.

Imvo z’iyo myiyerekano

Nk’uko vyatangajwe n’imigwi y’urwaruka n’abaharanira ihinduka rya poritike, imyiyerekano yari itegekanijwe kw’igenekerezo rya Mukakaro 2026, yari ifise imigambi ikurikira:

-Gusaba ihindurwa ry’inzego za poritike;

-Gusaba kurekurwa kw’abafunzwe kubera ivyiyumviro vya poritike;

-Gusaba ubutungane ku vyabaye vyakozwe inyuma y’amatora ya 2025;

-Gusaba kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Ku ruhande rwa Leta, hatangajwe ko iyo myiyerekano ishobora guhungabanya umutekano n’iterambere ry’igihugu, bituma hafatwa ingingo zo kuyibuza no gukomeza gukwiragiza inzego z’umutekano mu gihugu cose.

Imbere y’iryo genekerezo rya 7Mukakaro 2026, haribonekeje:

-Ukwiyongera kw’abapolisi mu bisagara bikuru;

-Ugukurikiranira hafi ivyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi;

-Ukutumvikana hagati ya Leta n’abatavuga rumwe na yo.

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko iyi myitwarariko ishobora kugira ico ikoze ku burenganzira bwo kwerekana ivyiyumviro, mu gihe Leta imenyesha ko ifise ihangiro ryo gucungera amahoro gusa.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE