Umuriro ukomeye cane wadutse mu kibira ca Fontainebleau, kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru w’Ubufaransa, Paris, watumye inzego zijejwe umutekano n’ugutabara mu bihe vy’ibiza n’isibe zikoresha uburyo budasanzwe kugira ziwurwanye. Mw’iperereza baracabandanya kurondera icawuteye.
Uwo muriro watanguye ku wa 12 Mukakaro 2026, hafi y’ibarabara A6, mu karere ka Noisy-sur-École ko mu ntara ya Seine-et-Marne. Mu masaha make gusa, wari umaze gusanzara ku buringanire bungana na hegitari hafi 800 z’ico kibira.
Abazimyamuriro barenga 400 bariko barakora ibikorwa vyo kurwanya uwo muriro, bafashijwe n’indege zibiri zikoreshwa mu gutera amazi ku miriro. Ni ubwa mbere izo ndege zikoreshwa mu gikorwa nk’iki mu karere ka Île-de-France.
ubushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu Bufaransa, Laurent Nuñez, yaragiye ahabereye uwo muriro kugira akurikirane uko ibikorwa vyo kuwuzimya biriko biragenda. Yavuze ko uko yawubonye ushobora kuba watewe n’umuntu adasanzwe, kuko basanze hari ahantu hatandukanye hashika icumi hatanguriyemwo umuriro mu karere kamwe. Yagize ati: “Kuba hari ahantu hatandukanye hatanguriyeko umuriro bituma twibaza ko hashobora kuba harimwo igikorwa c’umuntu yabigize umwuga ivyo guturira amashamba.”
Naho abajejwe ubutabazi bavuga ko bafise icizere co kugabanya ubukari bw’uwo muriro, kuwuzimya burundu bishobora gufata imisi myinshi canke mbere amayinga menshi, bivanye n’ingene ikirere kizoba kimeze.
Umwotsi mwinshi wavuye muri uwo muriro warabonetse ku bilometero bigera kuri 20 uvuye aho watanguriye. Abanyagihugu basabwa kuguma kure y’aho umuriro uri no kwirinda umwotsi ushobora kubagirako ingaruka.
Aborozi n’abarimyi bo muri ako karere nabo barafashije mu bikorwa vyo gutabara, bakoresheje ibikoresho vyabo birimwo ibigega vy’amazi kugira bashigikire abazimyamuriro.
Iperereza rirabandanya kugira hamenyekane neza icateye uwo muriro, nimba woba wavuye ku mpanuka canke ko woba watewe nkana.























