AgricultureBurundihomepageKirundi

Ni iki catumye abarimyi badasabwa kurihira ifumbire y’irima ry’agatasi

Abarimyi bo muri zone Muyira komine Mukaza intara ya Bujumbura bashikiriza amakenga bafise ku coba caratumye badasabwa amahera yo kuriha ifumbire y’irima ry’agatasi ryimirije. Babaza ko ata fumbire bazohabwa muri kino gihe.

Umwe muri abo barimyi yaganiriye n’insamirizi Indundi Culture avuga ko afise amakenga yo kutazoyironka:

Turabona ko umengo ni ikibazo ,tubona ko tutazonayironka kuko ntibigeze batubwira ngo twiyandikishe, ntacizere dufise twopfuma turindira baratwanditse.”

Abo barimyi bashikiriza ko n’aho muri kino gihe bahimirizwa gukoresha ifumbire y’ikirundi batabona ko bazoronka umwimbu mu gihe batohabwa ifumbire y’ikizungu.

Tudafise ifumbire ntitwimbura n’aho twogira irya yo munyabarega ntitwimbura kuko tuyikoresha tuyivanze. Iyo baduhamagara tukicarana amatike”.

Abo barimyi basaba niba ata fumbire izotangwa ko bobimenyeshwa icatumye kugeza ubu ata murimyi arasabwa kuja kuyirihira.

“Dusaba ko boza bakatubwira ko vyahagaze canke ata bikoresho bafise vyo guhingura ifumbire tworindira. Ariko ataco batubwiye ntacizere dufise .”

Ku kibazo c’ikena ry’ifumbire ku ruhande rwa Reta mu kiganiro n’inzego za Reta abamenyeshamakuru n’abanyagihugu cabereye mu ntara ya Gitega muri ruheshi uwu mwaka, umushikiranganji wa Mbere Nestor Ntahontuye yishuye agira ati: “mu kw’icenda nyene hagire hagere, na twebwe Reta turiko turakora kugira turabe y’uko mu kw’icenda hagera ifumbire abarimyi bayifise. Twama turiko turiruka ntidusinzira.”

Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo uburimyi, mw’itangazo bwasohoye kuwa 9 nzero 2026, bwari bwatangaje ko hazoba isekeza ryo gutohoza no kwegeranya ubutike bwose abarimyi barihiyeko ariko ntibaronke ifumbire, buca busaba abarimyi ko borihira irima r’impeshi guhera kuwa 15 gushika kuwa 25 nzero 2026 ari naco gihe baheruka gusabwa kurihira ifumbire.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE