Abantu 12 barapfuye abandi 54 barakomereka inyuma y’umuriro ukomeye wadutse mu mashamba mu bice bitandukanye vyo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Algérie kuwa gatatu, igenekerezo rya 26 Myandagaro 2026.
Uwo muriro wadutse cane mu ntara za Jijel, Béjaïa na Tizi-Ouzou, aho umuriro wakwiragiye ningoga ushika no hafi y’amazu y’abanyagihugu. Abategetsi baciye batabara mu kwimura imiryango yari mu bibanza vyari vyugarijwe n’umuriro.
Amakuru yatanzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Algérie, Saïd Sayoud, avuga ko abantu batanu bapfiriye i Jijel, bane i Béjaïa, abandi batatu i Tizi-Ouzou. Muri abo bapfuye harimwo n’umwana w’imyaka 8.
I Béjaïa, abantu 54 barakomerekejwe n’umuriro, aho batandatu muri bo bari mu bihe bikomeye kandi bariko baravurirwa ku bitaro vya Souk El Tenine.
I Tizi-Ouzou na ho, abagore batatu bo mu muryango umwe barapfuye kubera umwotsi mwinshi watewe n’uwo muriro. Uwapfuye yari umuvyeyi w’imyaka 79, hamwe n’abakobwa biwe babiri. Abandi bantu barenga 40 na bo barajanwe kwa muganga kubera guhema umwotsi mwinshi.
Uwo muriro wakijijwe n’umuyaga ukomeye, bituma igenda ukwira ningoga kandi ugashika hafi y’aho abantu baba. Imiryango myinshi yaciye yimurwa kugira ngo ikingirwe, mu gihe abajejwe kuzimya umuriro baguma bariko barakora ibishoboka kugira bawuhagarike.
Inzego zijejwe kuzimya umuriro zatangaje ko imiriro 159 (159 Incendies), yari yibonekeje mu turere dutandukanye tw’igihugu; 90 yari imaze kuzimwa, mu gihe 69 yari ikibandanya ku mugoroba wo kuwa 26 Myandagaro.
Abategetsi ba Algérie barabandanya gukurikirana uko ibintu vyifashe no gushira mu kibanza abantu n’ibikoresho vyinshi vyo kurwanya iyo miriro.
























