Bamwe mu banyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa muri zone Mukike commune Rwibaga intara ya Bujumbura baracaba mu mazu adashemeye. Bavuga ko ubuzima bwabo bubangamirwa igihe cose imvura iguye. Abarongoye zone bavuga ko babandanya gusabira abo Batwa gushigikirwa kugira baronke uburaro bwiza, harimwo no kubahimiriza gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere.
Zimwe muri izo nzu abo banyagihugu babamwo, zubakishije ibiti, zigasakazwa n’ubwatsi sanke ama (sachets). Mugihe rero imvura buca itasura, bamwe muri abo batwa bafise ubwoba bw’ingorane bashobora kugira kubera inzu babamwo ziva.
«Jewe sinzorokoka, kubera iyo imvura iguye amazi yose arangurura mu nzu. Ntawe tubana mu nzu. Gusa ico nosaba ni aga ‘’sachet’’ noshira hejuru ku nzu », niko umutamakazi w’imyaka irenga 60, aba ku gacimbiri Sigi avuga.
Uwundi munyagihugu wo muri ubwo bwoko nyene bw’abatwa, avuga ko nawe nyene aba mu nzu isakajwe ivyatsi kandi ko atabona uko bizogenda.
«Aho mbaye, mba mu nzu y’ivyatsi. Ni zimwe za kera», niko umwe mubatama aba muri iyo zone yigana.
Muri iyo zone ariko, hari imwe mu miryango y’abasangwabutaka imaze kuronswa n’abagiraneza, imfashanyo z’uburaro bwiza bugizwe n’amazu asakajwe n’amabati. Ino isaba ko abatarubakirwa ubwo buraro boburonswa.
Uyu ni umwe wo muri abo batwa bo muri iyo zone: «Twobasabira nabo ko boshikirwa nk’uko natwe twashikiwe.Twebwe twaba mu nzu z’ivyatsi tukavirwa nkarara ndayora amazi mw’ijoro abana nabo nabafutse utumwanya, ariko ubu tuba mu mazu ameze neza ».
Umukuru wa zone Mukike Adelin Ndayishimiye aremeza ko intambwe ikiri ndende kugira abatwa muri iyo zone baronke uburaro bwiza. Avuga ariko ko babandanya kubasabira abobashigikira kugira bashobore kwiyubakira amazu meza yo kubamwo.
«Nko ku mutumba Ruzibazi hariho abasangwabutaka bamaze kwiyumvirwako bararonswa amazu. Ariko hariho abandi nko kumutumba Nyarumanga na Rurambira, abo naho bariko bariyungunganya biraboneka ko bakiri inyuma kuko bamwe ari abatama abandi abatamakazi, abo rero birabagora kugira baronke uburaro bwiza », niko Ndayishimiye avuga.
Abandanya ati: «Turacasagasaga ko abagira neza bobandanya bafasha bakanashika no ku yandi masite y’abatwa kuko intambwe yo gutera iracahari kugira abasangwabutaka bose muri zone baronke uburaro bwiza ».
Ikibazo c’ukubura uburaro bwiza ku banyagihigu bo mu bwoko bw’abatwa gifatanye no kubura amatongo gituma bamwe muri bo batagira aho barima kugira biteze imbere. Iki ariko reta iramaze kwemera ko abo batwa babwirizwa kuronswa amatongo aho bari mu gihugu cose.

























