A la UneEconomiehomepageKirundiSociété

Bujumbura : Ibikoresho  bitanga umuyagankuba  “panneaux solaires’’ vyoba  bizimba kubera icikagurika ry’umuyagankuba wa  Regideso ribandanya

Abakoresha  umuyagankuba muri  quartier  Mugoboka  zone  Nyakabiga  commune  Mukaza  intara  ya  Bujumbura  bavuga  ko ukubura uburyo  bwo  kugura   ibikoresho   bitanga umuyagankuba muri  kino gihe c’icikagurika ryawo  bituma   imyuga  bakora  bakoresheje umuyagankuba ibandanya  guhungabana. Bavuga ko kubera iryo  kena  nyene  ry’umuyagankuba,  bimwe  muri ivyo  bikoresho  vyoba  vyanateye  bizimba  kumasoko.

Ivyo vyibonekeza muri tumwe muduce dutandukanye   aho usanga bakora   imyuga ijanye no guteranya ivyuma (soudure) canke  gukora ivyuma  vyapfuye (Réparation) bigizwe n’amaradio canke  ama machine  nyabwonko.Ariko abo  bakora  iyo myuga  isaba  umuyagankuba  bavuga  ko  icikagurika  ryawo  rituma akazi bakora gahungabana.

“Umu client arazana iradio, ngiheza  kuyugurura amatara akaba aracitse’’, niko  umwe mubakora  amaradio avuga, inyuma  yaho  umuyagankuba  ucikiye  utamaze n’amasaha  ashika  n’abiri  nkuko  abandanya avyigana.

« Ntituzi ngo  uragaruka  canke  ntugaruka. Gusa  kesnhi  ukunze  kugaruka  amasaha  y’ijoro twatashe  ataco turi bukore », niko  abandanya avuga.

Iyindi ntambamyi abo  bakora   imyuga  itandukanye     bifashishije  umuyagankuba,  bavuga  ko  atabundi  buryo   buri  busubirire   umuyagankuba, kuko ibikoresha  imishwrara  y’izuba ‘’panneaux solaires  muri kino  gihe  vyazimvye  kuva  umuyagankuba  utanguye  kuja uracikagurika.

« Vyasaba  ko tuba  dufise  panneaux solaires canke  ama  batteries. Ariko  ubu  vyaranzimvye  cane  ,vyaraduze  ibiciro  hafi  ibice  85 kw’ijana,ntawuzi  ko  ari  kubera iri bura ry’umuyagankuba, natwe  ntaburyo  dufise  bwo  kubigura », niko  umwe  mubakora amamachine  nyabwonko aho  ku Mugoboka yigana.

Abo bakora iyo  myuga igizwe  no guteranya ivyuma, bafise  amakenga ko rumwe murwaruka   rushobora  kwadukana  ubusuma.

« Ubu  kubera  bamwe  muri twebwe  tudashobira no kuriha amahera y’inzu,  bamwe  muri twebwe n’utwo  dufise  hashobora  kuba abaza  kutudutsindako », niyo  makenga  yuyo  akora ivyo bikoresho.

Ishirahmwe regideso rijejwe  gutanga  umuyagankuba risigura ko icikagurika ryumuyagankuba ryibonekeza muri  kino  gihe ryatumwe  nuko amazi mungomero yagabanutse kubera izuba  ryinshi  ryatse,ariko  ryizeza ko iyo ngorane izohera imvura isubiye kurwa.

Ubu  rihitamwo   gutanga umuyagankuba muma quqrtiers biciye  mukuwugabangana delestage  mugifransa. Ariko kandi rymeza ko hari n’ibice  bishobora kuwubura kubera imihora iwutwara ishaje

Journaliste reporteur , fact-checker, créateur de contenus, responsable des réseaux sociaux à la Radio Indundi Culture, et contributeur wikimedien

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE