AgricultureBurundiEconomiehomepageKirundi

Burundi Media Forum 2026: Ibimenyeshamakuru bisabwa guteza imbere uburimyi biciye muri ZLECAf

Ihuriro rigira umunani ry’abamenyeshamakuru mu Burundi, “Burundi Media Forum 2026”, ryahuje abamenyeshamakuru, abanditsi b’ibinyamakuru, abatunganya ibiganiro n’abafatanyabikorwa, i Bujumbura kuri uno wa 11 Munyonyo 2026, kugira ngo bahanahane ivyiyumviro ku ruhara rw’ibimenyeshamakuru mu guteza imbere urwego rw’uburimyi mu Burundi, mu gihe isoko rusangi rya Afrika (ZLECAf) ririko rirashirwa mu ngiro.

Iryo huriro ryabaye ku burongozi bw’Ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru n’Ibimenyeshamakuru, rikaba ryitabiriwe n’abaserukira inzego za Leta, abajejwe kugenzura ibimenyeshamakuru, amashirahamwe yigenga, inzego mpuzamakungu, abantu bazwi mu gushikiriza ivyiyumviro hamwe n’incabwenge zo mu Burundi no mu makungu.

Insiguro nyamukuru y’iyo nama yari « Mu gihe ca ZLECAf, guhindura ibimenyeshamakuru inkingi zubaka inkuru nshasha yerekeye urwego rw’uburimyi mu Burundi ».

Muri iyo nama y’umusi wose, haratunganijwe ibiganiro bibiri nyamukuru. Ica mbere cari cerekeye ingene inkuru zerekeye uburimyi mu Burundi zikwiye gushikirizwa, mu gihe ica kabiri cari kijanye no gusigurira abahingura n’abadandaza umwidegemvyo w’isoko n’uturusho ZLECAf ibazanira.

Vyongeye, harabaye ihiganwa ryo gushikiriza imigambi (*Pitch Competition*) mu mugambi ”ProLiberty Award 2026”, aho abamenyeshamakuru batatu bashikirije ibikorwa vyabo imbere y’abacamanza kugira ngo berekane ubwiza n’akamaro k’ivyo bakoze.

Iryo huriro ryasozerewe no gusoma itangazo ry’umusozo ryerekana ivyiyumviro n’ivyashitsweko, hamwe no gutanguza umugambi wa **Biraturaba Journalism Fellowship**, ugamije gushigikira iterambere ry’umwuga w’ukumenyesha amakuru.

Abateguye iryo huriro barashimiye abanyamwuga bose mu vy’itangazamakuru hamwe n’abafatanyabikorwa bagize uruhara mu gutuma ico gikorwa kigenda neza.

Bashimikiye kandi ku kamaro ko gushikiriza amakuru kugira ngo abantu bamenye uturyo bahabwa, kuko akaryo katamenyekanishijwe kenshi katamenyekana kandi ntikagire akamaro.

Iryo huriro ryashize ahabona uruhara rukomeye rw’ibimenyeshamakuru mu kumenyesha abarimyi n’abandi bakora mu gisata c’uburimyi uturyo two kwagura ibikorwa vyabo no kwinjira mu masoko yo ku mugabane wa Afrika biciye muri ZLECAf.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE