KirundiSociété

Gitega:Ntibashima ingene igitoro gitangwa

Abunguruza abantu bo mu ntara ya Gitega baridogera abatanga igitoro ku ma sitasiyo ko bagitanga bisunze ikimenyane,bigatuma baja kukigura mu kinyegero maze ibiciro vyo kwiyunguruza bigaca bizimba.

Bamwe mubunguruza abantu n’ibintu mu ntara ya Gitega  bavuga ko badaheruka kuronswa igitoro caba ico mubwoko bwa mazutu canke ica esansi.Banegura ko niyo kibonetse gitangwa ku kimenyane bigatuma hari abadashikirwa mu gihe baba baraye amajoro batonze imirongo ku ma sitasiyo .

Abo banyagihugu bavuga ko ikena ry’igitoro rituma bamara imisi itari mike imirimo yabo yahagaze kandi arico cabafasha gutunga imiryango,bagahitamwo kugura igitoro ca magendu gutyo abiyunguruza bikababera intambamyi kuko ibiciro vyo kwiyunguruza bica biduga nkuko bivugwa n’umwe mu bunguruza abantu agira ati:”abafise ibibanza vyo kunywesherezwo igitoro bokwigenga ubuntu bagatanga igitoro mu muco,inzego zijejwe ivy’igitoro nazo zigerageze zitore inyishu irama iki kibazo kive mu nzira.”

Ivyo vyifashe ukwo ngo mugihe niyo igitoro kibonetse ku ma sitasiyo,bene kugitanga, batanga igice maze igisigaye bakakinyegeza kugira bakidandaze amafaranga menshi mu kinyegero.

Intambamyi yivyo vyose ikagaruka ku biyunguruza kuko bamara amasaha n’ayandi bahagaze aho bategerera imiduga rimwe na rimwe bakayibura iyo bayironse naho bakarihishwa amahera arenze ayo bahora bagendako.

Abunguruza abantu ndetse n’abiyunguruza muri iyo ntara ya Gitega basaba ababijejwe kugira ico bakoze kuko imirimo ihungabana bagatanga akarorero ku bakorera mu ma komine atandukanye yiyo ntara ko ibikorwa bitagenda neza ku mvo zo kubura ukwo bashikayo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE