Abana bashika 607 bari hagati y’imyaka 9 na 17 agateka kabo karahohotewe mu mezi 12 arangiye biciye murudandazwa bakorewe nk’uko vyemezwa n’urunani rw’wmashirahamwe yitaho ineza y’abana FENADEB.Yamara urwo runani ruremeza ko hari n’ibimaze gukorwa kugira agateka k’abana kubahrizwe mu Burundi .Hariko hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana usanzwe uhimbazwa iginekerezo rya 20 Munyonyo uko umwaka utashe ,umurwi w’igihugu wigenga uraba ivy’agateka ka zina muntu CNIDH usanga Reta yarikwiye gukora ivyigwa vyimbitse kugira ishobore gutorera umuti ibibazo vy’abana baja mw’ibarabara n’abakoreshwa ubuzi butandukanye.Ubushikiranganji buraba ivy’agateka ka zina muntu no gufatana mu nda bwemeza ko hari abamaze guhanwa mubahungabanya agateka k’abana, bukizeza ko amahimiriza abandanya.
Ibiharuro bitangwa n’urunani rw’amashirahamwe yitaho ineza y’abana mu Burundi FENADEB ku musi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana,vyerekana ko mu kiringo c’amezi 12,abana bagera ku 607 bahohotewe.umuhuzabikirwa muri FENADEB Ferdinand Ntamahungiro ashikiriza ko abenshi muri abo bana basanzwe badandazwa mu gihugu ca Tanzaniya aho babajana mu bikorwa vy’uburimyi hamwe no kuragira inka,ivyo bikaba mu gihe abo bana baba batarakwiza imyaka yo gukora ibikorwa bisaba inguvu.Uyo muhuzabikorwa yerekana ko abana bakoreshwa mwe nivyo bikorwa baba bava mu miryango ifise amakiro make.
Ishirahamwe SOJEPAE Burundi,ryoryo risanga nubwo hari ibimaze gukorwa hakiri agahaze kuko abana bavuka ku bavyeyi b’inkumi n’imisore,David Ningaza ajejwe gutanag amakuru muri iryo shirahamwe yerekana ko usanga ata mategeko atamora uko ivy’abo bana biheza bikagenda mu gihe abavyeyi baba bubakanye n’abandi.SOJEPAE Burundi ,iranegura kandi ingendo ya bamwe mubavyeyi bubahuka kubwira uwo bubakanye haheze ikiringo kitari gito ko umwana yarasanzwe azi ko uwo babana Atari se w’umwana.David Ninganza akavuga ko ivyo bihungabanya umwana .Aha niho ahera akavuga ko amategeko yohinyanyurwa.
CNIDH isaba ivyigwa vyimbitse
Umurwi w’igihugu wigenga uraba ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH Urashima ko hari ibitari bike bimaze gukorwa,Sixte Vigny Nimuraba awuramutswa agira ati : “Kubijanye n’abana,ingingo zose Reta ifata ibwirizwa kuzifata ibanje kuraba ineza y’abana ahariho hose nk’abantu bose bagize urudandazwa rw’abana ,abashoboye gufatwa,turabona ko bashoboye gucibwa imanza mbere harafatwa n’ibintu,ariko turabona ko bidakwiye.Reta ibwirizwa kwiga neza igitahura ibintu bituma abana bava mu mihana iwabo baja gukoreshwa ,mu mabarabara,kugirango ingingo izofatwa,ibe ingingo itanga umuti urama kuko gukura umwana mw’ibarabara canke kumutangira ngo ntaje mu gihugu iki canke kiriya vyonyene ntibikwiye.”
Umukuru wa CNIDH Sixte Viny Nimubona arongera akavuga ati:”Reta yokwicarana n’izindi nzego zijanye no gukingira agateka k’abana hamwe n’izijejwe ubutunzi mu kwigira hamwe ico kibazo ndetse bagatohoza n’ukwo iyo miryango abo bana bavamwo isanzwe ibayeho kugira abo bana bashobore gusubizwa ku mashure,kuko gukura umwana mw’ibarabara canke kumutangira ngo ntaje mu gihugu iki canke kiriya vyonyene ntibikwiye.”
Reta irahumuriza
Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ugufatana mu nda buremeza ko haraho bishika agateka k’abana kagahungabana mbere ko hari n’abantu bamaze gufatwa barahanwa bagiriwa gukora urudandazwa rw’abana baja gukoreshwa ibidandazwa vy’inguvu mubindi bihugu.Umuvugizi muri ubwo bushikiranganji Ildephonse Majambere ashikiriza ko Reta iguma irwiza inyigisho ku banyagihugu kugira bamenye amategeko y’igihugu n’amategeko mpuzamakungu agenga agateka k’abana.Uyo muvugizi ahamagarira abarundi bose gutabaza mu gihe babonye agateka k’umwana uyu canke uriya kariko karahungabana.