Muri kino gihe c’urushana Imiryango y’abatwa bo mu gacimbiri Munyika ,umutumba Gitwe muri komine ya Matongo intara ya Kayanza iratabaza abajejwe intwaro muri kino gihe ngo kubaronsa ibisakazo vy’inzu bubatse mw’ihimirizwa bagiriwe ry’ukuronka uburaro bwiza aho bamenyeshako gushika ubu bari mu kangaratete.
Imwe muri iyo miryango y’abatwa ivuga ko izo nzu bazubatse inyuma y’amahimiriza yakozwe nabajejwe intwaro maze babemerera kuzobarosa ibisakazo ariko bakaba gushika ubu atavyo barabona, ntibagira aho bakika umusaya canke aho babika ivyo batunze bakagira ubwoba ko impompe zishobora kubarwako . Iyo miryango inegura ko abajejwe intwaro ku rwengo rwa komine itarabagarukirako basa nabibagiwe . Bagasaba ko komine yobarosa ivyo bisakazo amazi atarenga inkombe.
Alice Nsabiyumva musitanteri w’iyo komine ya Matongo amenyesha ko ico kibazo akizi akavuga ko ubushikiraganji muvyo bujejwe harimwo ugushigikirana bwari bwarataze amabati amajana 600 ariko yarashoboye gusakara inzu 37 iza zategerezwa gusakarwa zari 175 kandi ko abandanya adodora kugira ngo hashobore kuboneka abagiraneza bo baronsa ivyo bisakazo vy’iyo miryango .