A la UneAmakuru mu kirundiClimatCommerceCoopérationDivertissement

Matongo:Abasangwabutaka baba Ibukiranzuki barasaba gusakarirwa amazu

Imyaka 20 iraheze imiryango y’Abatwa baba mu gacimbiri Bukiranzuki muri komine Matongo ntara ya Kayanza  bubakiwe amazu ariko ntibarasakarirwa

Abo basangwa butaka bavuga ko bubakiwe muri ayo mazu hagati y’umwaka wa 2002 na 2004 gushika ubu bakaba batarasakarirwa. Imbeho,imvura bikaba bibageramiye muri kino gihe bemeza ko baba mu mazu adasakaye ndetse ibintu bikunyuka muri iki gihe c’imvura,mbere n’abana babo bakaba batakija ku mashure kubera  ibikoresho vy’ishure biba vyononekaye.

Frederic Nimbona yahoze ari umurongozi kuri uwo mutumba Matongo igihe iyo miryango yahabwa ayo matongo avuga ati:”biramaramaje kubona haciye imyaka nkiyo yose abo batwa batarasakarirwa kuko uwararongoye igihugu ico gihe yari yabahaye amatongo ariko bikaba bimeze ukwo vyari kuva nakera,barakeneye gusakarirwa kuko nabo bariko barasigwa n’amajambere”.

Mu kwezi kwa Gitugutu komine Matongo yari yaronkeje amabati imiryango 37 yo ku mutumba Rutuhurana,iyishika 17 yo k’umutumba Bukiranzuki nabo bakaba bagitegereje gusakarirwa .Kugira ibice vyose bironke ubufasha hakenewe amabati 260 nkuko vyemezwa na Alice Nsabiyumva arongoye komine Matongo.

Uwo murongozi avuga ko gufasha imiryango yose itishoboye komine itobishobora ahubwo agahamagarira abo batwa kugerageza kuba barifashisha ibisakazo bishoboka mu kurindira kuronswa amabati.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE