Kirundisécurité

Makamba:Abantu babiri barahitanywe n’isanganya ry’imodoka

Abantu babiri baritavye Imana uwundi arakomereka bikomeye mw’isanganya ry’imodokari ryabaye kuri uyu wa gatatu kwibarabara ry’igihugu noméro 11 .Igipolisi gihamagarira abagendesha ivyuma kwubahiriza amategeko y’ibarabara.

Iryo sanganya ryabereye ku mutumba Kibimba muri komine Kayogoro igihe c’isaha imwe n’iminuta 45 hagati y’ibimodoka 2 binini binini vyo mubwo bw’amabeni bita Howo .

Mu gipolisi mu ntara ya Makamba bavugako izo modoka zariko zikwirikirana ,kubera umuvuduko munini iyo inyuma ica iseka iyimbere . Ubwo nyene igipolisi kuvuga ko aho nyene haciye hitaba Imana umudereva hamwe n’uwo bakorana (convoyeur). Uwundi akaba yarakomeretse bikomeye akaba yaciye ajanwa mu bitaro bikuru vya Makamba.

Mu gipolisi bagahanura abagendesha ivyuma mw’ibarabara gukwirikiza amategeko na cane cane ko hamaze iminsi hibonekeza amasanganya muri iyo ntara abatari bake bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE