EducationKirundi

Irihishwa ry’amafaranga ririyamirizwa n’abavyeyi barereye kuri Ecofo Tenga

Abavyeyi barereye kw’ishure nshingiro «  Ecofo »Tenga riri muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura bariyamiriza amafaranga barihishwa n’ubuyobozi bw’iryo shure. Na bwo  bugasigura ko ayo mafaranga ari ayafundikiwe mu nama n’abavyeyi.

Abo bavyeyi bafise abana biga kw’ishure Ecofo Tenga  ntibabona kumwe ugutanga amafaranga basabwa n’iryo shure. Bamwe bakemeza ko batazi ico ayo mafaranga akora. « Dutegerezwa kuriha ayo mafaranga. Hari n’abana birukanwa kw’ishure atarishwe. Turiha ibihumbi indwi n’amajana abiri (7200). Sinzi n’igituma tuyariha », nk’uko vyidogegwa na Bénédicte Sikuyavuga umwe mu bavyeyi barereye kuri Ecofo.Nestor Hangimana yongerako ko at: « Abana bato bato bariha ibihumbi bitatu ».

Abandi bavuga ko basiguriwe ko ari amafaranga yo kwubaka ibindi birasi kuri iryo shure nk’uyu muvyeyi Nécelatte Icoyagize: « hari umugambi wo kwubaka ibindi birasi vy’amashure. Niyo mvo yo kurihishwa ayo mafaranga ».

Ikindi abo bavyeyi bidogera, ni ubwinshi bw’abana mu birasi nk’uko Jeanne Gakobwa abishikiriza : « hari ubwinshi bw’ibitigiri vy’abanyeshure. Mu kirasi kimwe ushobora kuhasanga abana baharurwa kw’ijana na mirongo irindwi (170) canke ijana na mirongo umunani (180). Abanyeshure bicara hasi, kukubura intebe bicarako ».

Abo bavyeyi bagasaba ko ayo mafaranga bakwa yogabanuka. « Tubona ko ibintu vyohinduka n’amafaranga baka akagabanuka. Ntivyoroshe kuronka amafaranga y’ivyo abana bafungura, amafaranga y’ishure, no kugura imyambaro y’ishure, biragoye cane », igisabo ca Bénédicte Sikuyavuga.

Umuyobozi w’ishure Ecofo Tenga, Sébastien Nshimirimana asigura ko baka abavyeyi b’abana amafaranga atangana, bivanye n’imyaka abanyehsure baba bigamwo. « Abana biga kuva mu mwaka wa mbere gushika  abiga mu wa kane,  bariha ibihumbi bibiri (2000) y’agahembo k’abakutsakivi, n’amajana atanu (500) yo guhemba umuzamu. Abiga mu wa gatanu no mu wa gatandatu bariha ibihumbi bibiri (2000) vy’abakutsakivi, amajana atanu (500) y’umuzamu hamwe n’amajana atanu (500) yo kwinonora imitsi. Nayo ibihumbi indwi n’amajana abiri (7200) arihwa na bose ni ayagenewe gushira mu ngiro umugambi wamaze gutangura wo kwubaka ibindi birasi vy’amashure. Ariko ivyo vyose vyafundikiwe hamwe n’abavyeyi  barereye kuri iryo shure mu nama ubuyobozi bwagiranye na bo».

Abavyeyi bagetegerezwa kuriha amafaranga ibihumbi bibiri (2000) yo guhemba abakutsakivi, amafaranga igihumbi n’amajana (1500) y’ikidodo kija ku myambaro y’abanyeshure, ibihumbi bibiri (2000) yagenewe ukwinonora imitsi, hamwe n’amajana atanu (500) yo guhemba umuzamu. Ubuyobozi bw’iryo shure bumenyesha ko hari n’izindi  ngorane iryo shure rigira, aha akavuga nk’ubwinshi bw’abanyeshure mu birasi, ubuke bw’abigisha, n’ubuke bw’ibirasi. Ishure Ecofo Tenga ryatanguye gukora mu mwaka w’2009, rikaba ari ryo nyene riri muri   Tenga rural, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Ikibazo ubuyobozi bw’iryo shure bwemeza ko bumaze gushikiriza ku nzego zibukurira.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE