Uncategorized

Ubugenduzi bw’igipolisi basavye abatwara uburere bw’igipolisi kuzohana abaduza ibiciro. Musitanteri wa komine Ntahangwa we yugaye ubunywero 33 bwo mu gisagara ca Bujumbura butubahiriza ibiciro vyashinzwe na Reta. Ishirahamwe ry’abaguzi mu Burundi rirashima ingingo ziriko zirafatwa nabajejwe intwaro.

Haribonekeza abadandaza bamwe bikika mu kiza maze bakaduza ibiciro ku bidandazwa nk’isukari isima hamwe n’ibinyobwa vya Brarudi , ubugenduzi bukuru bw’igipolisi bwari bwasavye abarongoye uturere tw’igipolisi gukurikiranira hagufi ivy’iduzwa ry’ibiciro vyibonekeza kuri ivyo bidandazwa . mw’itangazo yashize ahabona Joseph Ninteretse yasavye abarongoye utwo uturere kwama batanga raporo minsi yose imbere y’igihe c’isaha imwe n’inusu zagatondo , mbere aranagabisha kandi ko uwuzofatwa yadugije ibiciro azobihanigwa.

Ivyo biri uko mugihe musitanteri wa komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yaraye afashe ingingo yo kwugara burundu bumwe mu bunywero bushika kuri 33 butubahiriza ibiciro bwo mu ma zone ashika kuri atandatu agize iyo komine nka zone Gihosha , Kamenge, kinama ,cibitoke Ngagara , hamwe na zone Buterere , aramenyesha kandi abafase amazu aranguza ibinyobwa ko atanumwe yemerewe guha inzoga bene ubwo bunywero bwugawe.

Ishirahamwe ry’abaguzi mu Burundi Abuco rirakengurukira n’ingingo ziriko zirafatwa nabajejwe intwaro rimenyesha ko izo ngingo ziriko ziragira ingaruka nziza kubaguzi , rigasaba ariko abaguzi kudoma urutoki kuri abo bose bikika mu kiza bakaduza igiciro, kugira bafashe izo nzego gushira mu ngiro ayo mategeko yasohowe

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE