DivertissementEntertainmentKirundi

Abaririmvyi b’abarundi badafitaniye urukundo umuziki ntaho woshika

Umuririmvyi w’umurundikazi azwi kw’izina rya Natasha, ni we avuga ko urukundo ari rwo rushikana umuziki kure, kuko n’abaririmvyi bo mu bindi bihugu bashika kure kubera gukorera hamwe.

Umuririmvyi Natachs Ngendabanka avuga ko umuziki w’Uburundi woshikanwa kure n’abarundi ubwabo hamwe n’abakunzi bawo, bakirinda gutega amaboko iyo basohoye umuziki. Ati abaririmvyi ubwabo ni bo bofashanya gushikana ibikorwa vyabo kure mu gushikigirana, mu kugenderanira kugira bamenyane, gutyo ibikorwa vyabo bakabishiramwo urukundo. Vyongeye, umuziki ushikanwa kure n’abakunzi b’umuziki hamwe n’abamenyeshamakuru.

Mu ndirimbo nshasha Natacha Burundi yise”Bon appetit” imaze imisi ibiri hasohotse amasanamu yayo yakorewe mu gihugu ca Tanzaniya, agira ati:”Nkunze kuririmba indirimbo abantu bakayiha iyindi nsiguro, ariko iyi ndirimbo “Bon aptit”nayitumbereje cane ku bakenyezi, kuko birababaza iyo umukenyezi yatetse umugabo ntafungure.”

Ku bibaza aho Natasha akura amahera kuko aharurwa mu banyamuziki b’abarundi batunze na cane cane ku ruhande rw’abakenyezi ,avuga yuko inyuma y’umuziki asanzwe afise ibindi akora nk’abandi bimwinjiriza amafaranga, kandi hakunzwe kuboneka aho atanga utuganuke ku baba bamweretse urukundo. Atanga akarorero ku bantu bamwicapako canke bamugemurira kuri duke bafise, hama akabaha ibirenze ivyo bamukoreye. Ati rero, uko si ugusesagura. Avuga atii:”Kuva ntararonka ngo mbe uwo ndi ubu, naratanga. Rero kuba warahezagiwe ukaronka, tanga kuko bizana umugisha.”

Uwo muririmvyikazi wo mu Burundi kandi amenyesha abakunzi biwe ko kuba akunze kuja mu gihugu c’Ubutaliyano bidasigura ko vyoshika akaja kubayo, ngo akunda Uburundi kandi ibikorwa vyiwe vyose abikorera mu gihugu ciwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE