BurundihomepageKirundiTransport

Abagendesha amapikiki basaba kworoherezwa

Abo bangendesha izo pikipiki bari bahawe impusha n’uburongozi bw’intara ya Bujumbura kuva mu mwaka w’i2022. Abatunze izo ngendeshwa uko umwaka utashe bakaba babwirizwa kurondera izindi ibitariko biborohera muri kino gihe bitumwe n’uko hari icuma capfuye aho bazironkera.

Uno munsi ugiye gusaba autorisation bakubwira ko i machine yapfuye rero ama autorisation twari dufise ikiringo cayo caraheze nta n’akamaro ko kuzigendana, kujabuka ibiraro ntibitworohera.” niko umwe mu bagendesha izo pikipiki yatwiganiye.

Kubera ko ubu bafise izamaze guta igihe hari ingorane bagira iyo bashitse ku biraro bigabura amakomine bigatuma akazi kabo gahungabana.

iyo baduhagaritse bamwe bariheba igihe rurya rutsinga basanzwe bashira mw’ibarabara rutahari haraho baguhagarika ukaguma ugenda urumva ivyo vyose urahanwa niyo uhagaze imoto barayifata kugira uzusubire kuyironka nikibazo.” Niko uwundi yatuyagiye.

Ariko uwuhagaritswe n’abajejwe umutakano ku biraro aho baca basigura ko kugira usubizwe ipikipiki hari amafaranga bakwa nk’iguturire, nk’uko no abisigura: “babahagarika kugira babasabe izo mpusha iyo rero batazifise baraheza bakavugana mu bundi buryo kugira bareke umuntu arengane.” Hari abo duhora twumva bayatanga bayatanga kugira ashobore kubandanya. Novuga ko ari nk’igiturire kuko nta gitasi ahabwa.

Abo banyagihugu basaba ko icuma babwiwe ko capfuye cahora gifasha mu gusohora izo mpusha cosubirizwa kugira baronke izijanye n’igihe: “Dusaba ko ico cuma coboneka kuko kwiyunguruza uno munsi biragoye. Uwumfatiye imoto niyunguruzako akazi gaca gapfa. Turasavye ko ico cuma cosubirizwa tukaronka izo autorisation canke babe baraduha rupapuro tuba turagirako intambamyi duhura zihagarare.”

Uruganda rw’amakuru rwa radio rwakuye kuri telephone buramatari w’intara ya Bujumbura Aloys Ndayikengurukiye ntahakana ko hari icuma cahora gifasha mu gutanga izo mpusha cari kimaze imisi kidakora ariko yavuzeko ubu ico kibazo catorewe inyishu abazikeneye bokwitura ibiro vy’intara ya Bujumbura kugira batunganirizwe.

Ingingo ibuza amapikipiki, amakinga n’ama tukutuku kurenga ibiraro vyinjira muri komine Mukaza yari yafashwe muri ntwarante mu mwaka w’2022. Yafashwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, ikaba yasigura ko biri mu bituma haba amasanganya menshi hagati mu gisagara .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE