Ukurwiza canke guhindura imivyaro y’ibiti vy’ivyamwa canke kubangurira ibizwi nka «Greffage» mu kirimi c’abanyamahanga, biriko birijukirwa na bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura. Bimwe mu vyamwa biriko birarwizwa ni nk’amavoka n’imicungwe. Ababikora kugiti cabo canke mu makoperative basaba ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo uburimyi gushigikira abamaze gutangura ivyo bikorwa kugira umugambi wo kurwiza ivyo vyamwa bikunde ushike kure.
Viateur Nijimbere ni umwe mu bakora igikorwa co kubangurira ivyamwa muri koperative «Tera imbere Burund» ikorera hafi y’uruzi Ntahangwa muri zone Bwiza komine Mukaza intara ya Bujumbura. Avuga ko abagura imivyaro y’ivyo vyamwa bariko baravyijukira.
«Naravyize kw’ishure ,hama nongera ndavyiga mu kigo cigisha imyuga mu Ngagara, nzindukira muri kino gikorwa, nico kintunze, niko kazi ka misi yose kandi maze kugakuramwo vyinshi », niko Nijimbere yigana.
Yongerako ati : «Abaza kudushorera ibi biti vy’ivyamwa turiko turagrefa barahari».
Hakurya y’aho gato ku ruhande rwa zone Ngagara hafi y’urwo ruzi nyene, muri komine Ntahangwa, Samuel Bigirimana ahakorera ku giti ciwe ibijanye no kubangurira icamwa c’ivoka ry’ikirundi kugira hazoboneke amavoka azwi nka «Ruhere» canke «Hass».
“Twari twagrefye imivyaro 4000 ,ariko iyakinze ni 2000″. Kandi ubu bariko barayigura ,kuko tugurisha kuwutwara guhera kumivyaro 5 ,kuko dutanze umuvyaro umwe umwe tuca dusanga turiko turahomba“, niko uwo arwiza amavoka ya Ruhere avuga.
Ikindi avuga nuko, ubu ariko yitegurira kugwiza imivyaro ibanguriye myishi kugira kumutasuro [niyo imvura yatasura] azobe afise imivyaro y’amavoka ashobora kuzoha abaje kuyigura.
Naho ukugwiza ivyamwa biciye mukubangurira “greffage” mugifaransa biriko birijukirwa, hari zimwe muntambamyi zituma imivyaro ibanguriye itaboneka kurugero ababikora baba bategekenije.
Zimwe muri zo, Nijimbere avuga nk’ivu rigoye kuronka i Bujumbura bakarinda kurikira kure, kuvyaza imivyaro yose ntikunde nubwo iyitaba yakunze bashobora kuyisubiramwo.
Nkuko abo babangurira imivyaro y’ivyamwa babivuga , babona ko Reta yoshigikira imigambi bene iyo, mukuronsa abanyagihugu imivyaro yagwijwe ,hamwe no guhimiriza abanyagihugu ibijanye no kurwiza ibiti vy’ivyamwa biciye muri “Greffage”.
Ukurwiza ivyama bitandukanye biciye muri ubwo buryo ukaba ari umwe mu migambi ubu Reta ihimiriza abarundi kwijukira, kugira nk’icamwa c’ivoka kibe ikidandazwa njabukamazi c’uburundi.

























