homepageKirundisécurité

Uburusiya bwasubiye kugaba ibitero bikomeye muri Ukraine, abantu barahasiga ubuzima

Nk’uko amakuru aheruka gutangwa n’abategetsi ba Ukraine abivuga bari batanganjeko hamaze kw’itaba imana abantu 5 ariko gushika ubu hakaba hiyongereyeko ibindi bitigiri vy’avyabahitanwe n’ibitero vy’uburusiya bikaba bimaze gushika ku bantu 11 bamaze kwitaba Imana.

Mu gatondo ko kuri uyu wa mbere, Uburusiya bwasubiriye kugaba ibitero bikomeye vy’ibisasu n’indege zitagira abazigendesha ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv. Ivyo bitero vyahitanye abantu n’imiburiburi cumi n’umwe, abarenga mirongo itandatu barakomereka, harimwo n’abana, nk’uko abategetsi ba Ukraine babimenyesha.

Ibisasu vyaguye mu bibanza bitandukanye vy’igisagara, bironona inyubakwa z’abanyagihugu, amazu y’amagorofa menshi, ibitaro n’ibindi. Abatabazi bagumye barondera abarokotse mu bisigarira vy’inyubakwa zasenyutse, mu gihe abantu benshi bavuye mu ngo zabo bahunga kugira bikingire.

Umukuru w’igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yavuze ko ico gitero kiri mu bikomeye igihugu ciwe kimaze guterwa muri uyu mwaka. Yasavye ibihugu bifasha Ukraine kwihutisha gutanga uburyo bwo gukingira ikirere, cane cane ibikoresho bishobora guhagarika ibisasu vya misile, kugira ubuzima bw’abanyagihugu burushirize gukingirwa.

Ku ruhande rw’Uburusiya, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze ko ibitero vyabwo vyari bigenewe ibibanza vya gisirikare n’ibikorwa remezo bifasha ingabo za Ukraine. Ariko rero, abategetsi ba Ukraine bavuga ko inyubakwa nyinshi z’abanyagihugu ari zo zashikiwe cane n’ivyo bitero.

Ivyo bitero bibaye mu gihe hariko harategurwa inama ihambaye y’ibihugu vya OTAN izokwihweza ingene hokwongerwa uburyo bwo gushigikira Ukraine mu ntambara imaze imyaka irenga ine ihanganyemwo n’Uburusiya.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE