EducationKirundisécurité

Makamba: Haracibonekeza ingorane mu gisata c’indero

Ubukene bw’ibikoresho mfasha nyigisho biri mubihanze igisata c’indero mu ntara ya Makamba. Hari amashure atagira ibitabo naho biri ugasanga ntibikwiye ibituma abarerwa n’abarezi badashobora gukora imirimo yabo. Mu mashirahamwe y’abigisha basaba uburongozi bw’intara gufasha mukurondera ivyo bikoresho.

Bamwe mubarerwa bo mu masomero atandukanye agize intara ya Makamba bamezako batariko bariga neza kubera ubukene bw’ibato bitandukanye mu masomero. Amwe mu masomero ngo basangira igitabo kimwe barenga 10 canke mbere muvyigwa bimwe bimwe ugasanga ntagitabo nakimwe kihari.

Ivyo biremezwa kandi n’abigisha aho baca bikora kuvyo bita ibinjana.

Mu mwaka wa gatanu ho ngo igitabo gisangiye amashure ari hagati ya 3 canke arenga ibizotuma intonde z’ivyigwa zidashobora kurangira.

Félix Harerimana aserukira amashirahamwe ahurikiyemwo abigisha asaba uburongozi bw’intara ya Makamba gufasha kurondera ivyo bikoresho mfashanyigisho aho afatira kubiriko bikorwa mu ntara ya Ngozi.

Buramatari wa Makamba Tantine Ncutinamagara akaba amensha ko batanguye kuganira nabasanzwe bafasha muri ico gisata haje haratorwa inyishu kuri kimwe kimwe mubihanze ico gisata.

Ibintu biri uko mugihe igice ca mbere c’amashure gisa nikiriko kirangira ivyo bikoresho mfashanyigisho ahenshi hatagira namba.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE