AgricultureBurundihomepageKirundi

Muyira: bamwe bashimye kutiyandikisha kugira baronke ifumbire kuko haheze igihe biyandikisha ntibayironke

Bamwe mu barimyi bo muri zone Muyira commune Mukaza intara ya Bujumbura bavuga ko bahisemwo kutitabira isekeza ryo kwandika ku yindi ncuro abipfuza kuronswa ifumbire hafatiwe k’uburinganire bw’amatongo bafise, nk’uko biherutse gutegekwa n’umukuru w’igihugu. Icatumye bamwe muri bo batiyandikisha, bavuga ko ari uko atacizere bagifise c’ukuyironka bafatiye ku gihe giheze baheraniwe iyo barihiye kuva kera.

Abo barimyi bavuga ko batashimye kwiyandikisha ubugira kandi kugira baronswe ifumbire kuko ku bwabo n’ibihe vy’irima biheze biyandikishije ariko gushika ubu bakaba bataronse iyo fumbire, nk’uko uyu murimyi abivuga:
jewe sinagiye kwiyandikisha kubera ko mbona vyikwega.Mbona n’abiyandikishije bamwe bamwe badashobora kuyironka, n’igihe bandika k’uwundi mwaka, iyo fumbire ntiyigeze iboneka,nico gituma n’abandi bagiye bikwega”.

Uwundi murimyi yemeza ko atiyandikishije, imvo si iyindi, ni uko gushika ubu ari mu bagiheraniwe ifumbire yari yasavye.
Umuntu yiyandikishiriza ikintu kubera aba agikeneye,hanyuma rero n’abo bakwanditse bakagira umwete wo kugira ngo bakikuronse. Iyo batakikuronkeje munyuma bakagaruka kandi ngo nimwongere mwiyandikishe,uca ucika inkokora. Abatagiye kwiyandiksha ubu ni kubera tuyirondera ntituyironke”,niko yigana.

Mu ndwi iheze, umukuru w’igihugu Evariste yategetse mu nama n’abarongoye intara n’amakomine ko hamenyekana kuri buri mutumba ifumbire umurimyi akeneye kugira aheze ayironswe muri rino rima ry’agatasi. Igikorwa yavuze cabwirizwa kuba carangiye kuri uyu wa gatatu, iryo yandikwa rigakorwa n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi, gutyo nabo bagatanga intonde kubabakurira.
Ariko amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike abona ko ico gikorwa cari gikwiye gukorwa n’amashirahamwe yigenga,nayo abajejwe intwaro bo bakaba bugihagararire
Iyo ngingo tuzoyibonera mubikorwa. Ariko twebwe ico tubona kugira ikibazo c’ifumbire gitore inyishu ,abo bajejwe intwaro bobivamwo, ntibakora ivyo. Ivyo ntaho bizoshika, kuko Reta ishaka kubikora ikorana n’ayandi mashirahamwe nka za Croix Rouge canke ama paroisse ,hanyuma abajejwe inbtwaro bagahagarikira ico gikorwa ,kuko abo bajejwe intwaro nibo baca biherako bakaja kuyidandaza ”, niyo makenga umukuru w’ishirahamwe PARCEM yashikirije ku musi wa mbere w’ino ndwi.

Mu ntara zitandukanye z’igihugu, haraheze imyaka hafi ine abarimyi barihira ifumbire bakeneye ku bice vy’irima bitandukanye ariko ntibayironke. Ubu hakaba hari abavuga ko bahitamwo gukoresha iya nyabarega n’ubwo bemeza ko umwimbu utagenda neza nk’iyo bayivanze n’ifumbire mva ruganda.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE