Kurungikira amafaranga umunywanyi akoresha umuhora canke ibanki itandukanye n’iyo urimwo biciye kuri telephone ubu birashoboka muri BurundiPay, ubuhinga bushsha bwatangujwe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB, i Bujumbura, kuwa 23 Ntwarante 2026.
Ubwo buhinga BRB yatanguje, bufasha abasangiye ibanki canke batayisangiye guhanahana amafaranga bakoresheje ngendanwa zabo.
Umuyobozi mukuru w’ibanki BRB Edouard Normand Bigendako amenyesha ko ubwo buhinga buje gufasha abantu bahora barungikiranira amafaranga hagati y’amabanki bakarindira umwanya utari muto kugira amafaranga ashike canke abari mu mashirahamwe yo guhanahana amafaranga vyahora bigora ko bayahanahana.
“Ubu buhinga ni inyishu y’impinduka zitari nke BRB iriko irashiraho mu ntumbero yo gushira ubuhinga bwa none mu gisata c’ubutunzi mu Burundi. Kugira tuzane ubu buhinga mw’ibanki nkuru twari twabonye ko hari ugukorana guke mu bisata vyo guhanahana amafaranga, abanyagihugu bake bakoresha ubuhinga bwa none bwo guhanahana amafaranga, ikibazo c’ugukoresha inoti aho gukoresha ubuhinga bwa none n’ibindi. Hakoreshejwe terefone ngendanwa, BurundiPay ifasha umuntu ku giti ciwe canke ibanki kurungika amafaranga agaca ashika mu kanya isase“, niko Normand abandanya abishikiriza igihe yariko atanguza ubwo buhinga bushasha.
Yagiriyeko yibutsa ko guhanahana amafaranga hagati y’ibanki n’iyindi bifata umwanya ariko hakoreshejwe ubwo buhinga bikanyaruka. Ibi kandi ngo bifasha uwurungika ayo mafaranga kubikora atavuye aho ari mu gihe guhanahana amafaranga biciye kuri banki vyahora bimusaba kubanza gushika aho banki yiwe ikorera. Ku ruhande rw’abakoresha ayandi mashirahamwe yo guhanahana amafaranga biciye kuri ngendanwa, BurundiPay ije gufasha abadasangiye ishirahamwe guhana amafaranga mu gihe kuyakura mw’ishirahamwe rimwe uyashira mu rindi vyahora bisaba kubanza kuyabikura hamwe ugaca uja kuyabitsa ahandi.
Ahqmagarira amashirahamwe akorera mu gisata co guhanahana amafaranga kubanguka kwegera BRB ngo ibafashe kuronka ubu buhinga.
Nayo abamaze guhuza ngendanwa zabo n’amakonti bafise mu mabanki yabo, basabwa kwegera izo banki kugira zibafashe gutangura gukoresha ubwo buhinga bushasha.

























