KirundiSport

Uburundi bugiye gutunganya ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa ku makinga mu bigeme

Ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa ku makinga ry’abigeme ku ncuro ya 4 rigiye kubera mu ntara zigize igihugu c’Uburundi, muri iryo higanwa rizoba ryitabiriwe n’ibihugu 10 muri 15 vyari vyitezwe mu gihugu c’Uburundi.

Iryo higanwa ritegekanijwe gutangura ku wa 10 gushika ku wa 16 Munyonyo 2024.Ivyo bikaba vyashikirijwe na Iryumugabo Patrick Arnaud arongoye ishirahamwe ryo kwiruka ku makinga mu Burundi kuri uyu wa 6 Munyonyo 2024 mu kiganiro yagiranye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru mu nyubakwa z’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo inkino.

Ivyo bihugu vyatumiwe muri iryo higanwa ni Burkina Faso, Sénégal, Ethiopie, Maroc, Sierra Léone, Ouganda, RDC, Kenya na Bénin. Nayo ibihugu bizoba bije ubwa mbere akaba ari Burkina Faso, Sénégal, Ethiopie, Maroc na Sierra Léone.Igihugu ca Ouganda kizoserukirwa n’imigwi 2.

Kw’igenegerezo rya 8 2024 bitegekanijwe ko ibihugu nka vyose bizoba vyamaze gushika, nimugihe kw’igenegerezo rya 9 Munyonyo 2024 hategekanijwe inama ya bose kugira basigurirwe ibijanye n’iryo higanwa.

Iryo higanwa rikazotangurira i Nyakararo mu ntara ya Mwaro berekeza mu ntara ya Gitega,bakazoca no mu ntara ya Karusi,bazova i Karusi berekeza mu ntara ya Muyinga hama bace berekeza mu ntara ya Cankuzo,bazoce berekeza mu ntara ya Ngozi Aho bozosiganwa mu mabarabara agize iyo ntara ya Ngozi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE