Urunani rw’amashirahamwe y’abavuza imiti kama mu Burundi RNATP ruvuga ko ibijanye no gukora ubushakashatsi mu bijanye n’ubwo buvuzi mu gihe ca none bitaratera imbere. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ariko buvuga ko n’aho atabigo bikora ubushakashatsi ku miti kama biriho mu Burundi, ubukorerwa mu makaminuza bwerekana ko ubwo buvuzi ari ngira kamaro ku magara y’abantu. Ni mu gihe kuwa 31 Myandagaro ari umusi wahariwe ubwo buvuzi muri Afrika.
Nk’uko bivugwa na Jothan Nikola arongoye urwo runani, ubushakashatsi ni imwe mu ntambwe zitarashikwako n’abavuza imiti kama mu Burundi. Ariko avuga ko hari ugukorera hamwe mu bakorera muri ico gisata :« ibigo vy’ubushakashatsi ,aho dushobora gusuzimira ivyo dukora ,laboratoires mu gifaransa, nico twama dusaba kugira dukore neza mbere dusumbirize uko ba sokuru bahora babikora».
Avuga ariko ko n’aho ivyo bigo bitarashobora kuboneka, abashakashatsi muri ico gisata basigaye bakorera hamwe kugira babandanye bateza imbere ibijanye n’ubuvuzi kama mu Burundi.
N’aho urugero rw’ubushakashatsi rukiri inyuma mu kuvura abantu hakoreshejwe imiti kama mu Burundi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko ubwo buvuzi bufise uruhara mu guteza imbere amagara y’abantu, nk’uko Pierre Sinarinzi, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji yabishikirije kuwa 31 Myandagaro 2026, ari nawo musi wahariwe ubwo buvuzi kama muri Afrika.
«N’aho ata bigo bikora ubushakashatsi ku buvuzi kama biraboneka, abashakashatsi mu bigo nka za kaminuza baramaze gukora ubushakashatsi ku biti hamwe n’ibiterwa bimwe bimwe bakereka ko ari ngira kamaro ku magara y’abantu », niko muganga Sinarinzi avuga.
Yongerako kandi ko ubushakashatsi nk’ubwo bumaze kugaragazwa n’abarangiza amashure ya kaminuza biciye mu matohoza bakora ku miti kama.
Nayo mu gihe mu bice bitandukanye hibonekeza abantu bagurisha imiti itandukanye, uwurongoye urunani RNATP avuga ko ubu abo bantu basa n’abariko baragabanuka kuko na rirya batemewe n’amategeko. Nikola arongoye urwo runani, we asigura ko umuvuzi kama atari uwukorera mw’ibarabara.
Ariko kandi abakoresha ubuvuzi kama, gushika ubu banegura ko ata kunywana canke ukwemerana nyezina hagati ya bo n’abavuza imiti iciye mu mahinguriro, medecine moderne mu gifaraansa kuko « ata murwayi ararungikwa kuri abo bavuzi avanywe kwa muganga w’ikizungu », ibizwi nka « transfert ».
Gushika ubu mu Burundi haharurwa abavuzi bakoresha imiti kama barenga ibihumbi bitanu, ibiti 682 bikaba bishobora gukoreshwa muri ubwo buvuzi. Ikindi ni uko muri Afrika ibice birenga 80 kw’ijana vy’abanyagihugu bitura ubuvuzi kama.

























