Umukuru w’Igihugu ca Kenya William Ruto yashimiye Sebastian Sawe yerekana ko instinzi yaronse ari ikimenyetso c’ukwihangana agirako aramushikiriza ku mu garagaro ibendera ry’ico gihugu ca kenya ku biro vy’umukuru w’igihugu i Nairobi.
Umukuru w’igihugu Ruto yavuze ko ivyo Sabastian Sawe yashitseko mu mpera z’indwi iheze i London atari instinzi mu vy’inkino gusa ,ahubwo ari ikimenyetso cerekana akamaro ko kwihangana nk’umuntu.
Sabastian Sawe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Nsamukiza akaba yakiriwe n’umuryango wiwe , abagenzi n’abamushigikiye ku ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Jomo kenyatta International Airport kiri mu gisagara ca Nairobi inyuma yo kumunegura agahigp k’isi mu gusiganwa marathon.
Umukuru w’igihugu ca kenya William Ruto na we akaba yarakiriye uwo mu kinyi w’agaheta ku biro vy’umukuru w’igihugu i Nairobi kuri uno musi wa kane ,mu guhimbaza instinzi yiwe idasanzwe.
Muri uwo muhango, umukuru w’igihugu akab yamuhaye impembo y’amafaranga arenga amadolari 60,000 hamwe no kumusezeranira imodoka y’agaciro kanini.

























