Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 28 Gitugutu 2024 mu gihe c’umutaga, niho umumenyereza Patrick Sangwa yashika mu gihugu c’Uburundi. Umwe mu basanzwe bakora mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru yabwiye Radio Indundi Culture Patrick Sangwa yoba aje kwumvikana n’indongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, kugira amenyereze umurwi nserukiragihugu.
Patrick Sangwa asanzwe amenyereza umurwi wo mu gihugu c’Ububirigi witwa Aywaille CF ukina mu c’icaro ca kabiri, asanzwe ndetse afise urupapuro rw’impamyabushobozi (Licence) rutangwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Buraya (UEFA ).
Uwo yoba agiye kumenyereza umurwi nserukiragihugu Sangwa Patrick yaramenyereje imirwi yo mu Burundi nka Athletico Olympique, Rumuri hamwe n’umurwi Flamengo.
Patrick Sangwa yamenyereje abakinyi batandukanye bamwe basigaye ari abamenyereza nka Jimmy Ndayizeye asanzwe amenyereza Aigle noir, Olivier Niyungeko batazira Mutombola asanzwe amenyereza Inter star, Blaise Karorero , Omar Ntakagero , Amars Niyongabo , Babingwa, kizigenza wa kera w’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda, Jimmy Gatete.
Umumenyereza Sangwa Patrick yahoze ari mu burongozi bw’umurwi nserukiragihugu (Staff) bwa Etienne Ndayiragije ari kumwe na Vallery Nahayo, ariko birangira bahisemwo gutanga imihoho kubera ukudahuza.
Etienne Ndayiragije yahora amenyereza Intamba hamwe n’abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bakaba baheruka kwumvikana ko botandukana ku mpande zose, bafata ingingo ko Étienne Ndayiragije yohagarika amasezerano yari afise .Etienne Ndayiragije mu nkino 14 yamenyereje umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba yatsinze inkino 4, anganya inkino 3, mu gihe yatsinzwe inkino 8, akaba yatsinzwe ibitsindo 28, yinjiza ibitsindo 14.
Inkuru yanditswe na Bosingwa Rajabu