A la UneEntertainment

Umuririmvyikazi Monna Walda Kaneza yavuye mu gacerere

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 28 Gitugutu 2024, umuririmvyikazi w’umurundi Monna Walda yarasohoye itangazo yanditse ku rubuga rw’iwe rwa X aho yariko yishura ku bantu bandika amajambo yo gucafuza izina ryiwe no kwonona umuziki akora.

Monna Walda Kaneza azwi kw’izina rya Mo’w Kanzie muri ubwo butumwa yatanze abicishije ku rubuga rw’iwe rwa X kuri uyu wa mbere , avuga ko imyaka 9 amaze akora umuziki ko ata numwe yamubereye imvuga kuri kandi ko uno mwaka wa 2024 atariho yotangura kubesha kubijanye n’akazi k’umuziki wiwe n’a canne cane ko yamye avyanka kuva na kera.

Uwo muririmvyi amenyesha ko atigera yishura ku mbuga ngurukanabumenyi canke ngo aje muvyo guharira na bariko bamuvuga nabi.

Yagize ati: “Ishirahamwe JC Event twari dufitaniye amasezerano naho iryoshiramwe batitwaye neza mu kubahiriza amasezerano kandi sinigeze nshira ibintu hejuru ariko bobo barihuse kubivuga ari Navyo bitumye ntanga ukuri ku ruhande rwanje.”

Ico Mo’w Kanzie ashikiriza abakunzi biwe nuko azoja hamwe n’abasanzwe bamutunganiriza ibikorwa vyiwe hanyuma barondere urubuga rumwe ruzwi kandi n’umumenyeshamakuru ataho ahengamiye abaza ibibazo vyumvikana kandi bidatyoza abandi.

Uyo muririmvyikazi yarangije abwira abantu bose bari mu gihugu c’ububirigi ko bosidukana niyonka abatashoboye kuza mu giteramo giherutse ko boza muri iki kizoba igenekerezo rya 8 Munyonyo 2024 kikazobera kuri Mani Club mu gihugu C’Ububirigi.

Inkuru Yanditswe avec Sonia Vyamungu

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE