Imyaka 10 iraheze ikiraro co k’uruzi Kanyosha gihuza karitiye ya kibenga na Gisyo kibomotse, ivyo bigatuma imigenderanire hagati yayo makaritiye itoroha kuko mu kujabuka bisaba guhekwa, bagasaba ko hokwubakwa ikiraro kuri urwo ruzi.
Ico kiraro cabomotse kiri nko ku metero 200 uvuye kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge, aho ubona ibisigarira vyicahoze ari ikiraro cahuza amakaritiye ya kibenga na Gisyo, ubu kugira ujabuke ugwo ruzi bigasaba guhekwa, ibitama vyoroshe kuko iyo imvura yaguye ugwo ruzi rwuzura no guhekwa bigahava bidashoboka.
Bamwe mu basanzwe baropora umusenyi kuri urwo ruzi bakongera bakajabutsa abantu bavuga bati: “N’ubwo tubironkamwo udufaranga duke mu kujabutsa abantu ntitwokwanka iterambere,ni batwubakire ikiraro kugira abantu bose biborohere kujabuka na canecane abanyeshure”.
Mu mwaka wa 2023 ikigo ca leta kijejwe inyubako OBUHA cari caratanguye ibikorwa vyo gushikigikira inkombe z’uruzi kanyosha ku gice cahahoze ico kiraro,abantu bari bibajije ko hazobandanya n’ibikorwa vyo kwubaka ico kiraro ariko ntacakurikiye.
Abasanzwe bajabukira kuri ugwo ruzi basaba ko hotorwamwo ikibanza kimwe mubisanzwe bijabukirwamwo hakubakwa ikiraro kuko aho cahoze gisohokera ku ruhande rwa karitiye Gisyo gisigaye cubatswemwo amazu.