Abarimyi bo ku mutumba Mubuga commune Buye intara ya Ngozi bafise amakenga ko umwimbu w’ibiharage utazogenda neza muri rino rima ry’agatasi.
Ayo makenga y’abarimyi afatiye ku ndwara bavuga ko yateye imirima y’ibiharage bikuma vyari bigeze kwera. Basigura ko utonoye ibiharage usanga ari ibishishwa gusa ata ntete zirimwo.
Umwe muri bo avuga ati: “Je narayibonye iwanje ibiharage bitangura vyuma. Je mbere nagira ngo n’imbeba; ndajana n’ibintu ndashira mu mirima nibaza ko ari imbeba ariko vyabandanyije vyuma ntamuhanyu ujako.”
Abo barimyi bashikiriza ko bafise amakenga ko uwu mwaka ata mwimbu bazoronka nk’uko vyahora na rirya ico giterwa cari kibatungiye imiryango.
Ku kijanye n’umwimbu, avuga ati: “Uzogenda nabi nyene none woreka kugenda nabi kandi vyarumye vyadufasha nyene kinini twabifungura twabishora.”
Basaba abafundi b’indimo ko bosuzuma iyo ndwara iyariyo kugira hashobore kuboneka imiti yo kurwanya indwara zifata ibiterwa: “Boraba ingwara yateye ivyo biharage bakazana imiti kugira iyo ndwara ihere hama turabe ibizokurikira”.
Mu buyobozi bujejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Ngozi bemeza ko imiti y’ibiterwa ihari. Emile KUBWIMANA aburamutswa ahamagarira abarimyi ko mu gihe babonye indwara ifashe igiterwa boca barondera imiti mu bibanza vyagenewe kudandarizwamwo imiti y’ibiterwa.
Ikilo c’ibiharage muri commune Mwumba caduze hagati y’amafaranga 400 n’amajana 500 mu kiringo c’amezi 3 gusa.