Umuvuga butumwa akaba n’umuririmvyi w’indirimbo zihimbaza Imana Pasteur Lopez Nininahazwe ariko abonekamwo impano ikomeye cane y’Uburundi aho ari muri bamwe bariko basubiza akanovera indirimbo zihimbaza Imana mu kuzishikana mu makungu.
Kw’izina ry’itazirano yahawe n’abavukanyi biwe kuva akiri muto “Ambassadeur”, Lopez Nininahazwe yakunda gukina umupira w’amaguru nk’abandi bana bose. Muri ico gihe yibwira ko azoba umukinyi akomeye agashika no mu mahanga. Lopez yarakunda kandi kwumviriza umuziki uri mu mudiho wa ”secular”, ubuhinga ukozwemo, aho muri iyo myaka y’ubuto bwiwe atiyumvira cane ko azoba umuririmvyi ahimbaza Imana canke umuvuga butumwa.
Mu mwaka wa 2004 niho yatangura urugendo rw’agakiza, ibitakiriwe neza n’umuryango wiwe kuko batari bazi ivyo agiyemwo aho bamubona ko yoba azimiye; “Barangwanije cane aho nataha nkashika ntafungura, ngakubitwa, aho babona ko namenje kuko mu muryango wanje nta n’umwe yari akijijwe. Ariko Imana yaramfashisha amajambo nari narasomye muri bibiliya amwe avuga ngo muze munezerwe nimwahamwa muzira izina ryanje…rero iyo ndiko ndakubitwa bakambaza ko nzosubirayo nanje nibutse ayo majambo nkabishura ko nzosubira, baca bibaza ko bandoze”. Bivugwa na Pasteur Lopez.
Mu mwaka wa 2009 niho Lopez yatangura urugendo rwo kuririmba atanguriye mu mugwi uririmba aho yari asanzwe asengera ico gihe. Avuga ko arico gihe yatahura ibanga ryo kuririmba ko atari ubuhinga umuntu akoresha ariko hari ikindi kintu umuntu atanga giherekeza ijwi.
Ni gute Nininahazwe afatanya ibanga ry’ubupasitori hamwe no kuririmba?
Lopez avuga ko umuhamagaro wiwe w’ubwungere yatanguye kuwibonako aho yegera umuntu amaze imisi atabona aza gusenga kugira amuganirize kandi atawabimutumye mu ntumbero yo gufasha abariko bacika intege. Muri ico gihe niho yemezwa kuba umwungere nk’uko abishikiriza.
Ku gufatanya kuririmba hamwe n’ibanga ry’ubwungere avuga ko umuntu ashobora gufita ingabire irenze imwe nk’uko vyanditse muri bibiliya agira ati: “Ntivyoroha kuko ndashiramwo inguvu mu gutunganya umwanya hamwe n’ibindi ariko vyose birashoboka. Ndibuka mu mwaka wa 2015 niho ijwi ry’Imana ryanganiriza rimbwira ko ntariko ndakoresha ingabire yo kuririmba ko izoyiha abandi niho nabona indirimbo imwe iriko iraha abandi kubera jewe nca numva umutima urasimvye.”
Nininahazwe batazira Ambassadeur yemeza ko umuntu akwiye gusenga akabaza Imana impano yamuremanye hama akazikoresha zose.
Lopez Nininahazwe aramaze gukora ibiteramo hanze y’igihugu c’u Burundi
Uwo muririmvyi ahimbaza Imana aherutse guterasha abakunzi b’indirimbo ziwe mu giteramo yise “12 heures dans sa présence” yakoreye mu gihugu c’u Rwanda muri BK Arena kw’igenekerezo rya 02 Ruhuhuma 2025 aho vyabonetse ko indirimbo yiwe yise “Imana y’akandi karyo” isa n’iyari irindiranwe igishika n’abari aho.
Ico giteramo kikaba cakozwe inyuma y’ico yari aherutse gukorera mu Burundi ku ncuro ya mbere yise “Ntibesha Worship Concert” kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro mu mwaka wa 2024 aho habonetse abantu benshi bitabiriye ico giteramo. Umutambukanyi w’uwahoze ari Umukuru w’Igihugu umwungere Denise Nkurunziza nawe yari mu bitavye ivyo birori. Yarashimye aho Nininahazwe agejeje umurimo w’Imana.
Mu masengesho yo gusengera igihugu c’u Burundi yari yatunganijwe n’umuvuga butumwa Chris Ndikumana mu mwaka urangiye wa 2024 aho yari yatumiye Lopez Nininahazwe, yashikirije ko uwo muririmvyi bomushigikira ndetse bakanamusengera kuko ari ubutunzi bukomeye u Burundi bufise.