Umugwi nserukiragihugu w’abigeme Intamba mu rugamba ugiye gutana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Burkina Faso mu rukino rwo gusubiriza. Urwo rukino rwo gusubiriza rugiye guhuza Burkina Faso n’Uburundi ruzokinwa igihe c’isaha 18h00 ku masaha yo mugisagara ca Bujumbura, ku kibuga “26 Mars” c’i Bamako mu gihugu ca Mali kuri uwu wagatatu igenekerezo rya 26 Ruhuhuma umwaka wa 2025.
Urukino rwa mbere rwari rwahuje iyo migwi, Uburundi buyobowe n’umumenyereza mukuru Alain Olivier Niyungeko bwari bwatsinzwe igitsindo kimwe ku busa, urukino rwabaye ku musi w’Imana igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2025 hari igihe c’isaha cumi na zibiri.
Ni Urukino Uburundi bugiye gukina burondera gukuramwo ico gitsindo bwatsinzwe muri urwo rukino rw’ibanze bwongere bushiremwo n’ikindi kugira ngo buronke uburenganzira bwo kuja mu gice gikurikira.
Igihugu kizoronka intsinzi yo kurengana hagati ya Burkina Faso n’Uburundi kizoca gikina n’igihugu kizoba carenganye hagati ya Djibouti na Togo mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika CAN2026 zizobera mu gihugu ca Maroc.