Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Patrick Sangwa yashize ahabona urutonde rw’imfata kibanza rw’abakinyi 33 azotaramwo abazoshobora ku mufasha mu nkino zibiri zo kurondera uburenganzira bwo kuzokwitabira inkino z’igikombe c’isi ca 2026.
Izo nkino zibiri, Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba akazokina n’igihugu ca Côte d’Ivoire ndetse n’igihugu ca Seychelles
Muri urwo rutonde hakaba harimwo amazina mashasha atahora atumwako mu mugwi nserukira gihugu,aho twobabwira nka Mvuka Bertrand NISHIMWE,Mabanza Roméo Vancy, Parfait Bizoza hamwe na Niyukuri Claus yigeze gutumwako ariko ntiyaronka amahirwe.
Muri uwo murwi hakaba kandi habonetsemwo igaruka ry’umukinyi w’inyuma Marco Weymans yaramaze igihe adatumwako hamwe n’umukinyi Amissi Mohamed
Urwo rutonde rw’abakinyi 33 ni:
1.Nahimana Jonathan
2.Rukundo Onesime
3.Bizimana Aladin
4.Nkurunziza Matteo
5.Ndayishimiye Youssouf
6.Msanga Henry
7.Parfait Bizoza
8.Mossi Trésor
9.Nahimana Shassir
10.Ndayishimiye Richard
11.Bigirimana Abedi
12.Mokono Elie
13.Aruna Mussa Madjaliwa
14.Gakwaya Léonard
15.Muderi Akbar
16.Liongola Jordi
17.Nsabiyumva Frédéric
18.Nduwarugira Christophe
19.Omar Moussa
20.Niyukuri Claus
21.Mukombozi Derrick
22.Bukuru Keita
23.Marco Weymans
24.Icoyitungiye Kevin
25.Mvuka Bertrand NISHIMWE
26.Amissi Mohamed
27.Kanakimana Bienvenue
28.Girumugisha Jean Claude
29.Bimenyimana Bonfils Caleb
30.Nibibona Eddy
31.Sudi Abdallah
32.Niyongabire Pacifique
33.Mabanza Roméo Vancy
Abo bakinyi bakaba bariko baritegurira inkino zibiri zizohuza Uburundi na Côté d’ivoire hamwe na Seychelles zitegekanijwe kubera mu gihugu ca Maroc kw’igenegerezo rya 21 na 25 Ntwarante umwaka wa 2025 mu ntumbero yo kurondera ubunganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe c’isi co mu mwaka wa 2026