Mu kiringo cababa amezi umunani abo banyagihugu batabona amazi kandi ishirahamwe amazi water ryari ryasahirije ariko ibitangi bitanga amazi bikaba vyaramenaguritse , abajejwe intwaro muri ako gace bemeza ko vuba bagiye gukoresha ayavuye mu mitumba.
Hafi isaha imwe n’igice z’agatondo ko kuri uwu wa 2, turi kw’ibarabara amsar rija mu Ruziba mu gisagara ca Bujumbura, ahari ibombo ry’amazi akwerwa mu kuzimu ry’ishirahamwe amazi water. Hari imirongo y’ibikoresho vy’ukuvoma epfo na ruguru n’abanyagihugu biboneka ko bose begereye kugira barabe ko hokoroka n’ima ry’amazi, ariko siko biri. Ku rindi bombo riri haruguru y’iryo ho, nta n’umwe ahatonze. Ariko hari abaricungiye hagufi bizeye ko hamwe izuba ryokwaka amazi yoca akoroka bakavoma.
Bamwe mu bo twahasanze batangura bashima ko kuva k’umusi wa mbere ayo mabombo yari yatanguye kuzamwo amazi inyuma y’amezi hafi 8 ata ma baronse kubera ibitangi yashikiramwo vyari vyamenetse. N’aho biri uko umunezero wabaye uw’akanya gato kuko ubu igisagara nka cose kivugwamwo icika ry’umuyagankuba wa Regideso, uwo nawo ntusiga inyuma ic’ayo mazi aduzwa nawo mu gihe ata zuba rihari, ibituma ya mabombo akama.
N’aho amazi yasubiye kuza aracishamwo akaza, abanyagihugu bo mu Ruziba babona ko ic’umuyagankuba conyaruka gutorerwa umuti hamwe n’uko muri ico gice hokwubakwa ayandi mabombo, mu kwezi guheze kw’indwi abajejwe intwaro aho m’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bavuga ko ic’amazi kiriko cirwa na reta kugira hashobore gusahiriza ayavuye mu mitumba ihanamiye igisagara, kugira umunyagihugu w’aho mu ruziba aronke amazi iyo ayo mabombo atariko arakora yikora ku y’uruzi mugere aboneka ko ari mabi aho ni mu gihe uwinanase ayakura mu kiyaga Tanganyika k’urugendo rw’iminuta yababa 30 canke akayarihira kubakoresha amakinga ku mafaranga 1000 kw’ibido.