Umuririmvyi B Face avuga ko yashimye gushiramwo umudiho w’akaranga kugira ngo aryohere abakunzi biwe kuko benshi bamuzi akora indirimbo zinyaruka za rap. Arashima abakunzi biwe uko bagenda bakira ibikorwa vyiwe.
Uwo muririmvyi Boniface Girukwishaka azwi nka B Face on the flow ashikiriza ko mu kwandika iyo ndirimbo «oya» yabanje kwumviriza umudiho (instrumental) aca atangura kwandika. Muri ayo majambo harimwo inkuru yiwe bwite. Iyo ndirimbo ikaba yamufashe umwanya munini kugira ngo amasanamu aboneke. Arashimira abamufashije ibintu vyose gushika aho indirimbo ija ku rubuga rwa youtube.
On the flow amenyesha ko amasanamu iyo ndirimbo yakorewe mu ntara .
B Face agira ati :”intambamyi nahuye nayo ni umukobwa twari gukorana yaciye afatirwa duca duhindura uko twari kuyikora ariko vyose vyageze neza kuko n’amasanamu asa neza.” Ahanura abaririrmvyi bagenzi we gukora amashusho meza kugira ngo indirimbo zigere kure nk’abandi.
Ahamagarira abakunzi b’umuziki kubandanya bashigikira ibikorwa vy’umuziki n’abafise uburyo gushigikira abaririmvyi kugira ngo impano zigere kure.