EntertainmenthomepageKirundiSport

Musitanteri wa komine Ngozi niwe agiye kurongora umugwi Ngozi City

Ndikuryayo Dominique asanzwe arongoye komine ya Ngozi niwe agiye kuramutswa ubuyobozi bw’umugwi Ngozi City usanzwe ukina mu cicaro ca mbere.

Hari kuri uyu wa gatandatu uheze igenekerezo rya 16 Myandagaro 2025 igihe c’isaha zine z’agatondo mu nyubakwa za Winners Hotel aho hari haramutse habera inama mu ntumbero yo kwerekana indongozi nshasha z’uwo mugwi ukina mu cacaro ca mbere i Ngozi.

Ndikuryayo Dominique yerekanywe nk’uwugiye kurongora uwo mugwi mu gihe icegera ciwe ari Bucumi Joseph yahora arongoye uwo mugwi.

Mw’ijambo Ndikuryayo Dominique yashikirije yavuze ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira uwo mugwi w’i Ngozi uje mu migwi ihiganira ibikombe.

Mwomenya ko Ndikuryayo Dominique atari mushasha muvy’umupira w’amaguru kuko yigeze kurongora umugwi w’abigeme w’i Ngozi FOFILA PF.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE