EntertainmenthomepageKirundiSport

Muhimpundu Rashid yerekeje mu mugwi Muhazi Fc wo mu gihugu c’Urwanda

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2025 niho umugwi Muhazi United ukina mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda wasinyisha umumenyereza w’abanyegori Muhimpundu Rashid benshi bazi kw’izina rya Barthez .

Uno mumenyereza yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza abanyegori b’uwo mugwi mu kiringo c’imyaka 2.

Imbere y’uko Rashid aba umumenyereza w’abanyegori yabanje kuba umunyegori akomeye hano iwacu , aho yaciye mu migwi ya Vital’o Fc , Inter Star , 11 Africain , mu Rwanda naho yasamiye imigwi ya Zebre na Atraco Fc.

Mwomenya ko akazi k’ubumenyereza w’abanyegori yagatanguye mu mwaka wa 2014 mu mugwi Kiyovu Sports ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE