Umuririmvyi Bru Jamen avuga ko kwiyumvira gukorana indirimbo n’umuririmvyikazi Kellyna aruko yari yabonye ko ibikorwa vyiwe ari vyiza kandi ko bikundwa na benshi. Arasaba ababishoboye, abanyamitahe n’aba diaspora ko bomushigikira kugira ngo nawe ashike aho abandi bamaze gushika.
Uwo muririmvyi w’umurundi ashikiriza ko indirimbo bakoranye n’uwo muririmvyikazi bayibatije “Doucement” bisigura buke buke. Bru agira ati: “iyo ndirimbo sinayikoze jenyene ariko narafashijwe numuririmvyikazi Kellyna kuva mu ntango gushika isohoke tukanayishira ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye”.
Bru Jamen amenyesha ko yavutse mu ntara ya Makamba akaba afise indirimbo nyishi ziri ku rubuga rwiwe rwa youtube. Arashima kubona uko bayakiriye kandi ko ibadanya ikundwa n’abakunzi b’umuziki no mu butambira ikaza iravuzwa.
Jamen avuga ko agiye gukora ikindi gikorwa vuba cane abakunzi biwe bobandanya bamukurukirana ku mbuga ziwe.