BurundihomepageKirundiSport

Uburundi ntiburiko buroroherwa mw’ihiganwa burimwo

Mu nkino zibiri Uburundi bumaze gukina mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino za nyuma z’igikombe c’isi 2026 ntibworohewe na gato.

Mu nkino barimwo zo gukurakuranamwo mu ntumbero yo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026, ku musi wa 5 Nyakanga 2026 Intamba mu rugamba zatsinzwe n’igihugu ca Côte d’Ivoire igitsindo kimwe k’ubusa nayo mu rukino rugira kabiri rwabaye kuwa 9 Nyakanga 2025 mu gihugu ca Kenya, Uburundi bwatsinzwe na Gambie ibitsindo 2 k’ubusa.

Uburundi mw’itsinda buri kumwe na Côté d’ivoire, Gabon na Gambie. Gushika ubu, bufata ikibanza ca kane n’amanota 10 mu nkino 8.

Uburundi buzosubira gukina inkino zibiri zisigaye mu kwezi kwa Gitugutu 2025 aho buzokwakira Kenya hama bwakirwe na Gabon mu gihugu ca Gabon ari narwo rukino rwa nyuma ruzokinwa kw’igenegerezo rya 13 Gitugutu 2025. Kw’igenekerezo rya 6 Gituguti 2025, Intamba mu rugamba uzokwakira Kenya ku kibuga Intwari.

Intamba mu rugamba kuronka uburenganzira bwo kwitabira inkino za nyuma z’igikombe c’isi 2026 ntibigishoboka kuko mw’itsinda rimwe hazoronka uburenganzira umugwi umwe uzoba wabaye uwa mbere.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE