Kizigenza w’intamba mu rugamba Nsabiyumva Frederic Ntazoboneka mu nkino 2 Uburundi bwimirije gukina n’igihugu ca Kenya hamwe na Gabon muri kuno kwezi kwa Gitugutu.
Ku musi wa mbere niho umumenyereza w’intamba mu rugamba Patrick Sangwa Mayani yatumako Urutonde rw’abakinyi 26 azokwifashisha mu nkino zibiri zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026 kizobera mu bihugu vya Reta zunze ubumwe bwa America , Canada hamwe na Mexique.
Kuri urwo rutonde harabuzemwo Kizigenza w’intamba mu rugamba Nsabiyumva Frederic ivyateye amakenga abatari bake. Ku makuru Indundi Sports yaronse n’uko imvo yatumye Frederic adatumwako ar’uko afise amakarata abiri y’umuhondo ivyo navyo bica biba ngombwa y’uko asiba urukino rumwe. Niyo mpamvu umumenyereza yaciye abona y’uko adashobora gutumako umukinyi aza gukina urukino rumwe gusa.
Intamba mu rugamba zizokwakira Kenya ku musi wa kane w’indwi iza igenekerezo rya 09 Gitugutu 2025 igihe c’isaha icenda ( 15h00) ku kibuga citiriwe Intwari mugihe urugira kabiri ruzohuza Gabon n’Uburundi igenekerezo rya 14 Gitugutu 2025 i Francville mu gihugu ca Gabon.