BurundihomepageKirundiSport

Uburundi bugiye kwakira ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa ku makinga mu gisata c’abigeme

Ku ncuro igira 5 Uburundi bugiye kwakira iryo higanwa mpuzamakungu kuva kw’igenekerezo rya 5 gitugutu gushika kurya 11 gitugutu 2025 mu rukino rwo gusiganwa ku makinga mu gisata c’abigeme.

Iryo higanwa rikazokwitabirwa n’ibihugu 11 arivyo navyo bimaze kwemera ko bizoza harimwo n’igihugu c’Uburundi.

Vyashikirijwe kuri uwu wa 5 igenekerezo rya 03 gitugutu 2025 mu kiganiro n’abamenyeshamakuru n’uwurongoye iryo shirahamwe ryo gusiganwa ku makinga mu Burundi Bernard Ntagumuka. Amenyesha ko n’aho biri uko ngo kubona urwo rukino rutarashirwa ku kirangaminsi mpuzamakungu c’inkino zibera mu Burundi ngo iyo ntiyoba intambamyi ituma Uburundi butakira ihiganwa.

Ntagumuka avuga kandi ko ku kibazo c’ubukene bw’ibikoresho buvugwa ku bakinyi b’abarundi ngo baragerageje kugitorera umuti.

Ibihugu bigiye kwitabira iryo higanwa ukwo ari 11, igihugu cose kikaba kizoserukirwa n’umugwi 1 ugizwe n’abanonotsi 5 ukuyemwo ibihugu 2 vyo bizoserukirwa n’imigwi 2 igizwe n’abanonotsi batanu batanu k’umugwi umwumwe aho hakaba harimwo igihugu kibanyi ca repubirika iharanira intwaro rusangi ya kongo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE