Inyuma y’imyaka igera kuri 13 akina mu gihugu c’Urwanda mu migwi nka APR Fc , Rayon Sports , Kiyovu Sports , Kizigenza wa kera w’intamba mu rugamba Nizigiyimana Karim Makenz yaraye ahawe ubwene gihugu bw’u Rwanda . Bisigura y’uko afise ubwene gihugu bubiri ubwene gihugu bw’u Burundi n’ubw’igihugu c’Urwanda.
Impamvu yatumye ahabwa ubwene gihugu bw’Urwanda n’uko afise umugore w’umunyarwandakazi ivyo navyo birazwi y’uko iyo uri umugabo ukajana n’umugore wo muri ico gihugu imyaka 3 bica biba ngombwa y’uko uhabwa ubwene gihugu.
Nizigiyimana Karim yakiniye Uburundi anabubera Kizigenza mu kiringo c’imyaka 15 yose.
Mwomenya ko Nizigiyimana Karim ( Makenz ) ari mu bakinyi b’Intamba mu rugamba bashikanye Uburundi muri CAN 2019.