Imigwi itatu y’abadashikana imyaka 18 bakina urukino rw’amaboko rwo ku musenyi #Beach_Volleyball yafashe urugendo ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 5 Gitugutu 2025, aho yitavye ihiganwa mpuzamakungu ry’urwo rukino rizobera i Doha mu gihugu ca Qatar, kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika ku rya 12 Gitugutu 2025.
Serges Ntakavura arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Volleyball mu Burundi yari yishikiye ku kibuga c’indege, yamenyesheje ko hari haheze imyaka irenga 10 Uburundi budashika mu nkino zo kuri urwo rwego muri Beach Volleyball.
Iyo migwi 3 igiye guserukira Uburundi igizwe n’umwe w’abahungu ari bo Akbar Ndayisaba na Aldo Haragakiza, n’ibiri y’abigeme, umwe ugizwe na Carène Mutamuriza na Ornella Ndayishimiye, uwundi w’abigeme ukaba ugizwe na Nasaleth Nshimirimana na Penelope Nihorimbere.
Serges Ntakavura yasavye abakinyi kutazogira ubwoba no gukorana ishaka n’inguvu, akizera ko bazoronka ibibanza vyiza muri iryo higanwa, rizohuza ibihugu birenga 100.
Uwo arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Volleyball mu Burundi yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko Uburundi bugiye kwakira ihiganwa ry’akarere ka 5 muri Beach Volleyball kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika ku rya 26 gitugutu 2025 kuri Eden Garden Resort. Ako karere ngo kagizwe n’ibihugu 12 ari vyo: Uburundi, Misiri, Djibouti, Erythrée, Etiyopiya, Somariya, Kenya, Ubuganda, Sudani yo mu bumanuko, Soudani, Urwanda na Tanzaniya.