Iryo higanwa rikaba ryatanguye kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu 2025 ririko ribera mu Burundi ku rwego mpuzamakungu mu kunyonga amakinga mu muce w’abigeme.
Ihiganwa rikaba ryatanguriye muri komine Cankuzo mu Ntara ya Buhumuza gushika muri komine Muyinga mu ntara ya Buhumuza nyene.
Odette Nsengiyumva niwe yatahukanye ikibanza ca mbere akaba yashoboye kwiruka ibirometero 58.300km mu mwanya ungana n’isaha 2h9min 43sec.
Uwurongoye ishirahamwe ryo gusiganwa ku makinga mu Burundi Bernard Ntagumuka avugako ari akunguko ku gihugu kuko ari irya mbere Uburundi butahukanye ikibanza ca mbere kuva aya mahiganwa atanguye gutegurwa. Ntagumuka avuga kandi ko bitoroshe muri iri higanwa kuko risaba inguvu nyishi.
Ihiganwa rikaba rigiye kubandanya no kuri uwu wa gatatu aho bazozunguruka ico bita (Critérium ) muri komine Ngozi mu ntara ya Butanyerere ihiganwa rikazorangira kw’igenegerezo rya 11 Gitugutu 2025 aho bazokwiruka n’amakinga mu Ntara ya Gitega.