Urwego rujejwe indero muri FIFA rwasanze umusatirizi w’Intamba mu Rugamba, Bonfils Caleb Bimenyimana, yakoze ikosa rikomeye mu rukino rwo guhiganirwa itike y’igikombe c’isi 2026 rwahuje Uburundi na Kenya. Yahanishijwe guhagarikwa inkino zitatu hamwe no gutanga ihadabu rya 5 000 z’ama faranga y’ama Suisse.
Igenekerezo rya 13 Gitugutu 2025 urwego rujejwe indero muri FIFA rwarandikiye ikete Bimenyimana Bonfils Caleb, umusatirizi w’intamba mu rugamba hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kuvyerekeye ibihano ryafatiye uwo mukinyi inyuma yo guhabwa ikarata itukura mu rukino rwo kurondera itike y’igikombe c’isi 2026 ruheruka guhuza Uburundi na Kenya igenekerezo rya 09 Gitugutu 2025.
FIFA yamenyesheje ko yafatiye ibihano Bimenyimana Bon Fils Caleb vyo kudakina inkino 3 n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 5 vy’amafaranga yama Suisse ( CHF 5000).
Ivyo bikaba vyabonetse inyuma y’ikosa Caleb yakoreye umunyegori wa Kenya Biran Bwire aho umuhagarikizi ndetse na Commissaire w’urukino baciye bandika icegeranyo ko Caleb yakomerekeje uwo munyegori. Vyabaye ngombwa ko Biran avurirwa mu kibuga imbere yo gusubirizwa. Ivyo vyatumye umuhagarikizi w’urukino w’umunyaZambie Hilal Hambaba yari mu kibuga hagati arifata nk’ikosa rikomeye canne (Faute grave Jouer).
Mwomenya ko Bon Fils Caleb na FFB bamaze kwunguruza batanga n’insiguro y’iryo kosa. Ibizova mu mwiherero biza kumenyekana kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025.

























