Mu ntumbero yo guteza imbere ubuhinga bwa none, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye amenyesha ko hagiye gushirwaho internet yo ku buntu mu bibanza nka Jardin public bihuriramwo abantu benshi kugira bashobore kuyikoresha ataco binona. Yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa 1 Kigarama 2025 ku kirimba kwa Ntare.
Umukuru w’igihugu yamenyesheje kandi ko hariho amashirahamwe ariko aritegura kuza gukorera mu Burundi kugira ngo internet ikomeze gutera imbere.
Amenyesha ko hazotangwa agashimwe ku murundi yakoze cane muri uyu mwaka wiswe “Umwaka w’umunyamwete” kugira ngo habe gutera intege abari ku kivi.
Yashimye intambwe ibimenyeshamakuru bigezeko uno musi agira ati : “Twari twaravuze ko twipfuza ko ibimenyeshamakuru bimera nk’ishure, none nagira ndabashimire ko ibimenyeshamakuru bitakimeze nka kera”.

























