homepageKirundiPolitique

Umukobwa wa Kim jong Un ariko arategurwa kuzosubirira se ku butegetsi bwa koreya ya ruguru

Kim ju Ae, umukobwa wa Perezida wa koreya ya ruguru, Kim Jong Un ariko arashirwa imbere mu bikorwa bikomeye vy’igihugu. Ivyo bikaba vyatumye hibazwa nimba ariko arategurwa kuzomusubirira ku butegetsi bw’ico gihugu mu myaka iri imbere. Abahinga mu vya poritike muri koreya y’epfo bavuga ko hari ibimenyetso vyerekana ko afise uruhara ruriko rurarushiriza gukomera mu butegetsi bwa Pyongyang.

Umukobwa wa Perezida wa Koreya ya Ruguru, Kim Ju Ae, ariko arategurwa buhoro buhoro kugira azosubire se wiwe Kim Jong Un ku butegetsi, nk’uko bivugwa n’inzego z’ubutasi za Koreya y’Epfo. Mu mezi ya vuba, Kim Ju Ae yagiye agaragara kenshi ari kumwe na se mu bikorwa vya gisirikare, mu myiyerekano y’igihugu no mu nama zihambaye za reta.

Mu kwezi kwa Ruhuhuma 2026, urwego rw’ubutasi rwa Koreya y’epfo rwatangaje ko Kim Ju Ae yari amaze guhabwa inyigisho n’ugutegurwa nk’uwuzosubirira se, kandi ko yatanguye gufatwa nk’umuntu afise uruhara rukomeye mu buyobozi bw’igihugu.

Ariko rero, nta tangazo ryemewe na Leta ya Koreya ya ruguru riravuga ko Kim Ju Ae ari we azoba umukuru w’igihugu mu nyuma. Hari abahinga bavuga ko bishoboka, mu gihe abandi babona ko kubera ko ubutegetsi bwa Koreya ya ruguru bwamye buyoborwa n’abagabo, bishobora kugorana ko umukobwa abe ari we asubirira se.

Muri make, amakuru ariho ubu yerekana ko Kim Ju Ae ariko arategurwa nk’umusubirizi wa se, ariko ntibiratangazwa ku mugaragaro na Koreya ya ruguru.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE