Repubulika iharanira demokarasi ya Congo (RDC) yitwariye Urwanda mu sentare mpuzamakungu mpanavyaha, irwagiriza gukora ihonyabwoko no kurenga ku mategeko mpuzamakungu.
Mu rubanza rwatanzwe kuri uyu wa gatanu, igenekeeezo rya 26 ruheshi 2026, RDC isaba iyo sentare kwemeza ko Urwanda rwarenze ku masezerano mpuzamakungu yo mu 1948 yerekeye gukinga no guhana ihonyabwoko, hamwe n’ayandi masezerano mpuzamakungu. RDC ivuga ko abanyagihugu bo mu ntara zayo zo mu bumanuko bamaze imyaka irenga 30 bababazwa n’iyo ntambara.
RDC isaba kandi ko sentare ititegekUrwanda guhagarika ivyo ivuga ko ari ukurenga ku mategeko mpuzamakungu, ikanatanga ingingo zituma ivyo bitosubira kuba.
Umubano hagati ya RDC n’Urwanda uguma urimwo amatati kubera intambara imaze igihe mu buseruko bwa Congo. Urwanda rwamye ruhakana ko rushigikiye umurwi w’abarwanyi ba M23 kandi rwihakana ko rufise uruhara muri uwo mutekano muke.
Kugeza ubu, Leta y’u Rwanda ntiragira ico ishikiriza ku rubanza RDC yarushikirije muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.
























