East African CommunityhomepageKirundisécurité

Kenya yasavye imbabazi Abarundi, ibizeza ko izobakingira

Reta ya Kenya yasavye imbabazi Abarundi baba muri ico gihugu, inyuma y’uko bamwe muri bo bavuze ko batewe ubwoba canke bagiriwe nabi.

Ibi vyabaye inyuma y’amajambo Perezida wa Kenya, William Ruto, yavuze ku banyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto muri Kenya.

Ku wa mbere, Korir Sing’Oei, Umunyamabanga Mukuru mu Bushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, yaragiye ku Buserukizi bw’Uburundi i Nairobi kugira ahumurize Abarundi bari bahakoraniye.

Abarundi amajana bari bakoraniye kuri ubwo Buserukizi basaba impapuro z’inzira, kubera ubwoba bari bafise ku bijanye n’umutekano wabo muri Kenya.

Sing’Oei yavuze ko ingingo Reta ya Kenya yafashe yerekeye abanyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto badafise uruhusha rwo gukora atari ingingo yega abanyamahanga bose.

Yasavye Abarundi n’abandi banyamahanga kuguma batekanye, abizeza ko Reta ya Kenya izokwongereza abajejwe umutekano mu turere tubamwo n’Abarundi benshi, harimwo Bahati na Muthurwa, mu gisagara ca Nairobi, kugira bakingirwe ihohoterwa iryo ari ryo ryose.

Yavuze kandi ko Abarundi bipfuza kuguma muri Kenya bazofashwa kwiyandikisha no kuronka impapuro n’ivyangombwa bikenewe kugira babe kandi bakore muri ico gihugu mu buryo bwemewe n’amategeko.

Abafise uruhusha rwo gukora urudandazwa bazokwemererwa kubandanya ibikorwa vyabo.

Korir Sing’Oei yavuze ko intumbero ya Kenya ari ukubona ko Abanyafrika bose, na canecane abo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, babana mu mahoro kandi bafatana nk’abavukanyi.

Reta ya Kenya rero yasubiriye kwizeza Abarundi ko izobakingira kandi igafata ingingo zikenewe kugira umutekano wabo ukomeze kubungabungwa.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE