A la UneDivertissement

Kayanza:Amezi abiri arakwiye atamuyagankuba bafise

Bamwe mubanyagihugu bo ku musozi Gasenyi muri komine ya Rango intara ya Kayanza bavuga ko ubukene bw’umuyagankuba w’ishirahamwe bumaze hafi amezi abiri butuma hari imwe mu mirimo yahagaze.Abo banyagihugu basaba Ishirahamwe Regideso gutorera umuti ico kibazo.Ishirahamwe Regideso rivuga ko rigiye kwishikira ahabereye ikibazo gutyo rigire ico rikoze.

Bamwe mu banyagihugu bo ku musozi Gasenyi baridogera cane igisata gitanga umuyagankuba ca Regideso kuko bavuga ko bakwije amezi abiri atamuyagankuba bafise ngo bikaba biriko bibasubiza inyuma mu bikorwa vyabo vya misi yose.

Abo banyagihugu bashikiriza ko imirimo yabo isaba umuyagankuba nko gusudira ivyuma,ama mashini asya, ibibikwa mu vyuma vyo gukanyisha,n’ibindi bikaba biriko birononekara mu gihe arivyo vyabafasha mu kwibeshaho.

Iryo bura ry’umuyagankuba kandi rikaba ririko ritera intambamyi no mu bijanye n’indero aho umuyobozi w’ishure nshingiro rya Gasenyi ya kabiri yagize ati:”ivyigwa vyose bijanye n’ugukoresha ama mashini nyabwonko vyarahagaze kandi tubona ko bizosubiza inyuma ubumenyi bw’abanyeshure kuko n’abandi bo kuyandi mashure bahora baza kwiga icigwa c’ubuhinga (informatique) batakiza”.

Abanyagihugu basaba ishirahamwe Regideso kubaronsa umuyagankuba mu maguru masha canke bakabaronsa ikindi cuma gishasha kugira basubire mu mirimo yabo nkuko vyahora

Emmanuel Nkeshimana ajejwe igisata c’umuyagankuba mu ntara z’uburaruko bw’igihugu avuga ko ico kibazo bakizi kandi ko vuba cane bagitorera inyishu.

Inkuru yanditswe na Gisèle Uwimana

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE